Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayobozi bakuru (PDG) 5 babaye aba miliarideri ata mpamyabushozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abayobozi bakuru (PDG) 5 babaye aba miliarideri ata mpamyabushozi (...)

Abayobozi bakuru (PDG) 5 babaye aba miliarideri ata mpamyabushozi bafise

jeudi 11 Ndamukiza 2013

Ninde yavuze ko mu buzima ari amashure gusa ari nkenerwa ? Nibaza ko atari Mark Zuckerberg,Steve Jobs canke Martin Bouygues.Ico bahuriyeko abo bose n’uko ari abatunzi rurangiranwa mu makungu,kandi bakongera bakaba n’aba miliarideri bashimye gushira ivyigwa n’amashure impande.Icemeza ko umuntu ashobora gutunga mu buzima ukundi ata mashure.

Naho amashure ari nkenerwa kugira umuntu aronke akazi keza ,ivyo ntibisigura ko ari ikintu nkenerwa ca mbere kugira ubuzima bugende neza .Hari abantu ubuzima bubakundira kandi ata mpamyabushobozi kandi ugasanga arafise ikibanza kw ‘isi.

Ni mwirabire abagabo batanu b’abamiliarideri kandi barongoye amashirahamwe akomeye cane kw’isi ariko bashimye umunsi uri izina guhagarika amashure yabo kugira bite ku bindi bintu bakunda mu buzima.

Uwahora atwara Apple Steve Jobs

Umuyobozi w’umutima ukunda ibikorwa gushika apfe,Steve Jobs arafise ibintu vyose vy’umuntu yamenye gutondeka ku murongo ubuzima bwiwe. Kandi yarubatse ibintu bikomeye mu buzima, mbere nawe yarahagaritse ivyigwa vyiwe aho yiga kuri Reed college inyuma yamezi atatu gusa yiga.Ivyo yabihagaritse kugira ashinge Apple inyuma y’imyaka mike gusa hama gushika naho amanyekana kw’isi yose.

JPEG - 5.4 ko

Mark Zuckerberg, Umuyobozi mukuru wa Facebook

Mark Zuckerberg arafise ivyo abantu bose bakunda ubuhinga ngurukanabumenyi bo kw’isi yose barota .ku myaka 26 ,zuckerberg yaratowe nk’umu miliarideri akiri muto kw’isi yose,Zuckerberg yakoze uwo muhora wa facebook igihe yari mu mashure yiwe i Harvard,amashure yaciye aheba kugira yiteho cane ivyuyo mugambi wiwe.Kandi akaba aticuza kubw’ico ciyumviro yagize.

JPEG - 5.2 ko

Martin Bouygues ,Umuyobozi mukuru wa Bouygues

Martin Bouygues nawe yarahevye amashure yiwe inyuma yaho aronkeye impamyabushobozi aho yaciye yinjira mw’ishirahamwe ry’umuryango wiwe aho yashikiye ku rwego rwo hasi.aho uwo bavukana yariko ariga amashure kandi yaramenya cane aho baciye banamwemerera ko ariwe azorongora Bouygues muri kazoza ,ukutumvikana kwaciye kuvuka hama Martin niwe yaciye yisanga ku mutwe w’iryo shirahamwe ry’umuryango ndetse akaba yagiye aratera imbere mu vyo yakora.Kuva ico gihe iryo shirahamwe Bouygues ryifashe neza cane.

JPEG - 6.4 ko

Bill Gates,Uwahoze atwaye Microsoft

Inkuru ya Bill gates irashaka gusa n’iya Mark Zuckerberg .Aho yiga i Harvard,Bill Gates yatanguje Microsoft kandi yari akiri umuyabaga aca yiyumvira ku vyitangira ku rugero rwose mu guheba amashure.Itunga ryiwe rikaba rigeze ku miliaridi y’amadorari 53.

JPEG - 6.8 ko

Michael Dell, atwara Dell

Aho yariko akurikirana ivyigwa vy’amashure yisumbuye ,Michael Dell yaciye ashinga ikompanyi yiwe y’ivyerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi aho yaciye ava vyihutirwa mu mashure yiwe kugira akore ivyo iyo kompanyi yiwe.Aho afise imyaka 19.Kuva ico gihe uwo mugabo yagiye atunga, ubu ubutunzi bwiwe bugeze ku miliyaridi 13,5 z’amadorari aho yagiye aratorwa ko ari umuyobozi mukuru yarahiriwe umwaka kanaka.

JPEG - 5.8 ko

Ivyo rero n’ivyo vyemeza ko impano no kwitanga cane ari nkenerwa mu buzima bw’akazi kurusha impamyabushobozi.Igisigaye n’uko ubunyene umuntu atoca aba ubwo nyene Steve Jobs mushasha kandi amashure azokwama ari uburyo bwo kwikingira.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.