Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abdoulaye Wade yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka 2 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abdoulaye Wade yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka 2

Abdoulaye Wade yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’imyaka 2

samedi 26 Ndamukiza 2014

Abdoulaye Wade yahoze ari umukuru w’igihugu ca Sénégal yaraye atashe mu gihugu ciwe , inyuma y’imyaka ibiri yose ataboneka mu gihugu.

Kuva atsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2012, Abdoulaye Wade ntiyari bwigere asubira mu gihugu ca senegal. Akaba atahutse kugira afate mu mugongo umuhungu wiwe ari mw’ibohero, akaba arindiriwe gucirwa urubanza. Agira ati narumvise imibabaro y’abanyagihugu naho nari kure. Ni nayo mpamvu nahisemwo gutaha kugira ndabereke umurongo bofata, niko yashikirije igihe yari ari ku ngoro y’umugambwe wiwe imbere y’abantu atari bake. Ntidushobora kubandanya kureka igihugu ca senegal ko cononekara ataco tuvuga.

Abdoulaye wade rero yamaze amasaha 48 yugaranywe mu gihugu ca Maroc i Casablanka, bivanye n’itegeko yavuga ko ryatanzwe n’abategetsi ba Senegal ariko ubutegetsi bwa Macky Sall uwamusubiriye, burahakana kwataruhara bwagize muri iryo cerwa. Abdoulaye Wade afise imyaka 87 akaba yarongoye igihugu ca senegal mu kiringo c’imyaka 12, kuva mu mwaka wa 2000 gushika mu 2012, akaba yari yagiye mu gihugu c’Ubufaransa kuva aho atsinzwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mukamenya ko abakunzi ba Abdoulaye Wade bari bamwiteze guhera ku munsi wa gatatu, aca ashika mu gihugu ca . Abdoulaye Wade akaba yagirije abategetsi b’igihugu ca Sénégal kuba aribo banse kumuha uruhusha rwo gufata indege imushikana mu gihugu ciwe. Ariko rero umuvugizi wa Reta ya Senegal Abdou Latif coulibaly yamenyesheje ko atari bo na gato, Abdoulaye Wade adashika kw’isango ryari ritegekanijwe ahubwo Reta yagiriza Abdoulaye Wade, kuba yarondeye kuvyura icuka muri poritike ahende abantu kugira yerekane nabi reta ya Senegal.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.