IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha bo muma kaminuza yingenga ni bake kubasabwa na UNESCO

Abigisha bo muma kaminuza yingenga ni bake kubasabwa na UNESCO

mardi 4 Ntwarante 2014

Abigisha barangura imirimo yabo muma kaminuza yingenga yo mu Burundi bagera ku bice 8 kw’ijana kubasanzwe bahari. Baracari munsi y’abo ishirahamwe UNESCO risaba, kuko hakenewe n’imiburiburi ibice 15 kw’ijana.

Mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bikorwa vyaranguwe n’umurwi w’igihugu w’inyigisho za kaminuza, Sylvie Hatungimana, umunyamabanga nshingwabikorwa w’uwo murwi CNES (Commission de l’Enseignement Supérieur) yamenyesheje ko amakaminuza yigenga yo mu Burundi agera kuri 30 afise abanyeshure ibihumbi 21, muribo ibice 44 kw’ijana akaba ari abakobwa. Bakoresha abigisha 1300, muribo ibice 8 kw’ijana bahakora atakindi babangikanije.

Ivyo bikaba bitandukanye no mu makaminuza ya Reta kuko hoho ku banyeshure bagera ku bihumbi 15, muribo ibice 17 kw’ijana ari abakobwa, bakoresha abigisha amajana atanu, muribo ibice 78 kw’ijana bigisha ata kindi babangikanije.
Hatungimana avuga ko naho kwigisha ku mashure abiri atandukanye vyemewe mu mategeko yo mu Burundi, vyari bikwiye guca mu mategeko nyakuri gusumba uko biri ubu.

Ikindi naco, mu makaminuza yigenga 30 ahari mu Burundi, indwi muriyo niyo yonyene afise abayobozi bajejwe gutunganya ibikorwa, akagira n’ikibanza gisabwa n’amategeko y’Uburundi gishobora gutunganya neza ivyirwa vya kaminuza.
Ku bikorwa bitegekanijwe muri uno mwaka w’2014, Sylvie Hatungimana yamenyesheje ko hagiye kwisunga amategeko mu nyigisho za kaminuza, haherahezwe n’ingingo ngenderwako mu gutanga inyigisho z’akarorero no gushira ku rutonde inyigisho zizoza ziratangwa.


Mariella Bukuru

Messages

  • gukurikirana ABANYESHURE NIVYIZA KUGIRA TUGIRE BACIGIRE ABANYESHURE BACIYE UBWENGE KOMEZA MUREGO HAMA MUHE URUHUSHA IBIGA KUMUGOROBA NABO BASHOBORE KABANDANYA KAMINUZA KUKO NABO BITAVUYE KURIBO AHOBWO ARI INTAMBARA ZAHITIYE MU BURUNDI BIGATUMA ABARUNDI TARI BAKE BATAKAZA UMWANYA WO KWIGA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.