IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abirukanywe muri CNDD FDD bituye ubutungane

Abirukanywe muri CNDD FDD bituye ubutungane

jeudi 23 Ndamukiza 2015

Abaheruka kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD bitwaye mu butungane, mbere bakavuga ko n’umutekano wabo udashemeye, ushobora guhungabana umwanya n’umwanya.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umushingwamanza Nyabuhanza Henry asanzwe aburanira Abagumyabanga 26 birukanywe mu mabanga yabo no mu mugambwe, avuga ko bitwariye umukuru w’umugambwe CNDD FDD muri sentare ntahinyuzwa, bakaba bamwagiriza ko yirukanye abantu batowe mw’ikoraniro kaminuza mu rwandiko rw’ikete, mu gihe iryo koraniro nyene ari ryo ryari kubirukana.

Umushingwamanza Nyabuhanza Henry asanzwe aburanira Abagumyabanga 26 birukanywe

Hisunzwe ingingo za 27,28,29 z’amategeko ntunganya mugambwe CNDD FDD, umushingwamanza Nyabuhanza avuga ko umugumyabanga yirukanwa n’ikoraniro kaminuza, kandi habanje gukorana zimwe mu nzego nk’ururaba indero, uwagirizwa amakosa akisigura, basanze akwiriye guhanwa agahanwa. Nyabuhanza akaba avuaga kandi ko ivyaha bishobora gutuma umugumyabanga yirukanwa bitanakozwe n’abo aburanira. Aha akavuga ko Umugumyabanga yagiriwe n’ukwica, kwiba, kumena ibanga ry’umugambwe, amacakubiri, kurenganya abandi, ariwe yirukanwa, kugeza ubu, abo birukanywe bakaba bazira gusa ko berekanye amakenga yabo, ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abo bagumyabanga rero baheruka kwitwara mu butungane, umutekano wabo ukaba utameze neza nk’uko bivugwa n’umushingwamanza wabo, aho avuga ko batakirara mu mazu yabo, ndetse batagitemberera aho bashatse, aho no mu mabarabara bagenda barakebaguzwa. Avuga ko amazina y’abantu bariko bategura kubagirira nabi bazwi, kandi ko bagiye kuyashira ahabona, kugira abarundi n’amakungu abamenye.

Nayo ibizova mw’ikoraniro kaminuza aho hazotorwa uwuzohiganwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ivyo ntibibega kuko batatumiwe kandi barekuriwe n’amategeko. Nayo Onesime Nduwimana, bakemeza ko ariwe umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD kuko yashizweho n’ikoraniro kaminuza nk’uko bivugwa n’umushingwamanza w’abo birukanywe muri CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • NTIBABESHERE NYABENDA HARI HAGEZE KO BIRUKANWA KUKO BARATAYE AKARANGAMUTIMA KUMUGAMBWE NINACO GITUMA TUTABAKENEYE ABANTU NKABO TWEBWE...NIBATESHA BATE IZO MBURAKIMAZI.

  • hahaha kwitwara kuwakwirukanye bihindura iki?
    Vous n’avez rien compris!
    Mwirukanywe n’akagwi nkinkorabara gashaka kurya igihugu hamwe n’ibindi bijuju birinyuma yako bikurikira nkintama biranagaza amazuru gusa!

  • KUVYUKURI UYO MUSHINGWAMANZA NIMBA ARI UKWICIRA AMAHERA NAYO KWIRUKANWA VRAIMENT BIRUMVIKANA. WEWE UMAZE KWIHAKANA UKANAGARARIZA UMUVYEYI WAWE HABA HASIGAYE IKI? KUDAHANA IMBWA KUGWIZA IMISEGA. JEWE NDASHIGIKIYE INGINGO YAFASHWE N’UBUSERUKIZI BUKURU BW’UMUGAMBWE CNDD-FDD. AHUBWO BAKOMERE CANE. IKINDI NKA ONESIME YOZA NYENE AKINJIRA MU NGORO Y’UMUGAMBWE NGO AJE KUVUGIRA UMUGAMBWE NKUBU? NTAKUNDI NI BIGUMYE BAGENDE IYO BASHATSE. NONE UMUVUGIZI WABO KO ATAKIVUGA DATA NGO BARI BAFISE ABA CANDIDAT BATATU. KUGIRA NEMERE KO ARI ABASHINGANTAHE NIBAGIRE NYAKURI YABO TURABE? NABO BARAFISE ICO BATINYA. N’UMURIRO URATINYA AMAZI. NI BAGENDE KWA VITAL UBU WE ASIGAYE ASUMVYA KUVUGA N’ABANYAMIGAMBWE. NGO DIMANCHE ARAJA MW’IBARABARA! ARABANZA AJE GUSENGA NAYO IBARABARA NTACIZA AZORIKURAMWO. NTIBASUKE ABANTU KUKO NI AKARIMI MUGA WE NTAZOJAYO AZOTUMA BABA UNIVERSITAIRE BIGOREWE YATUMA BABUZA IMODOKA KURENGANA NAWE ARIKO AGIRISHA INAMA YO KUBAGUMURA MURI CAMPUS. NUBU NIBO AZIKORAKO. KO ADAHITANA UMUGORE N’ABANA BIWE ABE ARIBO BAJA IMBERE. TWEBWE TURAKENEYE KURERA ABANA BACU MU MAHORO N’UMUTEKANO. IYO NGESO NI MUYIHEBE KUKO NTACO MUZOSHIKAKO KUKO AFANDE PETER NTACO MUZOMUGIRA NIYIRAMBIRE IMANA IMURI IMBERE. NI ISEZERANO. SAWA MUZOBA MUMBWIRA.

  • NIBITWARE BIRAKWIYE.GUSA NUKO ATABUTUNGANE BWIGENGA MUFISE.NTIWOKOMORWA NINZOKA NGOWITWARE KW’ISATO

  • Ibintu ababagabo bakoze wamengo nukuntu caje kibatwarubwenge! Igitangaje nukonuno musi cabagumije ahusanga bagiye kwifatikanya nabadashoboka mukugambanira umugambwe bitako aruwabo, urumvanyene kuberacakintu nababwira caje kibatwara ubwenge abantubavuzeko bategerezwa gukora ukwobashoboyekwose bakikurako Cnddfdd nibobariko barakorana nabo!!!.

  • reka reka namwe vyobasikira ihii , emwe mwa ba ddd. mwabandwa sinakomera.

  • Jew mbona bari bafashe inzira yo mu kuja mu butungane, ikintu kibi nuko inyuma yo kwirukanwa/kurenganywa bagumye bongereza ivyaha hamwe bafatanya n’abarwanya umugambwe bavuyemwo, aho niho ibintu bizogorera. Hambavu y’ukwitwara ni barondera umugambwe uzobaheka mu matora ahandi ho bizobakomerana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.