IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Uwari kw’irondo n’Imbonerakure nibo baraye bitavye (...)

Bujumbura : Uwari kw’irondo n’Imbonerakure nibo baraye bitavye Imana

dimanche 28 Ruheshi 2015

Inkoho nyinshi nizo zumvikanye mu gisagara ca Bujumbura, mu makaritiye atari amake, aho n’amagrenade yatewe, abantu babiri baramaze kumenyekana ko bishwe.

Izo nkoho rero zatumye abantu barara ntibuca, ndetse hamwe mu makomine yabereyemwo imyiyerekano, bakaba baciye bata induru ku munwa, abandi bavuza amafirimbi n’ibindi, abandi baja mw’ibarabara mu kwankira ko abaporisi binjira muri quartier hagati, kuko babagiriza ko baca babarasa.

Ayo masase menshi yavuze mu gisagara ca Bujumbura, abantu babiri baramaze kumenyekana ko bitavye Imana bahitanywe n’amasasu y’abaporisi mw’ijabe, umwe yitwa Patrick abamuzi bavuga ko yari umunyeshure muri kaminuza y’Uburundi, i Kiriri, mu mwaka wa nyuma. Mu muryango iwe kakabaari agahinda n’umubabaro.

Uwundi yitavye Imana aho mw’i Jabe ni Abdoul Prime, uwo nawe yahitanywe na grenade, abamuzi, bemeza ko yari Imbonerakure ya CNDD FDD.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.