Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram yoba yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram yoba yagandaguwe

Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram yoba yagandaguwe

mardi 23 Nyakanga 2014

Igisirikare co mu gihugu ca Cameroun cashize ahabona isanamu (photo) ya Abubakar Shekau, umukuru w’umurwi w’iterabwoba Boko Haram, yishwe. N’aho ayo makuru y’urwo rupfu ataremezwa ku mugaragaro, n’igisirikare ca Nigeria camenyesheje ko Abubakar Shekau yapfiriye rimwe n’abandi barwanyi barenga 60 ba Boko Haram.

Inkuru y’imvaho yemeza urupfu rwa Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram ntirashirwa ahabona, naho isanamu (photo) yerekanywe n’igisoda ca Cameroun igaragaza Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram yagandaguwe. Mu gihe igisirikare ca Cameroun n’ica Nigeria biriko birwaniriza hamwe umurwi w’iterabwoba wa Boko Haram, nta ruhande na rumwe rurashobora kwiyemerera ko rwagandaguye Abubakar Shekau, ariko impande zompi zikavuga ko yaguye mu bitero vyabaye hagati y’igenekerezo rya 25 Mukakaro na 3 Myandagaro 2014, mu karere ka Konduga, mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu ca Nigeria, akarere gahana urubibe n’igihugu ca Cameroun.

Umurwi w’iterabwoba w’abarwanyi ba Boko Haram watanguye gutera mu gihugu ca Nigeria kuva mu mwaka w’2009. Muri uwu mwaka w’2014, abantu baharurwa mu bihumbi bibiri nibo bagandaguwe n’abo barwanyi ba Boko Haram.

Ntiribaye irya mbere havuzwe urupfu rwa Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram

Mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2013, igisirikare ca Nigeria camenyesheje ko cagandaguye Abubakar Shekau, ariko budakeye na kabiri aca asohora amasanamu (video) abeshuza, ahubwo agabisha ko ariko ategura ibindi bitero bizohitana abantu benshi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.