IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ACOPA Burundi yasavye amatohoza ku bateye mu Cibitoke

ACOPA Burundi yasavye amatohoza ku bateye mu Cibitoke

mercredi 7 Nzero 2015

Ishirahamawe ACOPA Burundi risaba inzego zibijejwe ko zokora amatohoza abateye mu ntara ya Cibitoke bamenyekane, abarundi bamenye uwadurumbanije umutekano w’igihugu n’abakibamwo. Muri iryo shirahamwe bariyamiriza n’ukubona urwaruka rubandanya kurungikwa mu ntambara, ivyo bakabivuga bisunze ko abarwanyi bafashwe bagizwe n’urwaruka rukiri ruto.

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe ACOPA Burundi (Association pour la Consolidation de la Paix au Burundi) yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Docteur Kazihise Pierre Claver yasiguye ko inzego zibishinzwe zikwiye gukora amatohoza akwiye kugira abarundi bamenye uwadurumbanije igihugu n’abakibamwo, akarungika urwaruka mu ntambara. Kazihise Petero Karaveri, umukuru wa ACOPA Burundi agira ati : "Nta nkeka ko uwashoye intambara mu gihugu ariho, kandi biraboneka ko afise uburyo turavye ivyo bari bitwaje. Nico gituma twituye inzego zibishinzwe ko zokora itohoza rikwiye, kugira abarundi tumenye uwadurumbanije igihugu n’abakibamwo."

JPEG - 51.5 ko
Kazihise Petero Karaveri, arongoye ishirahamwe ACOPA Burundi

Mu gihe abarwanyi icenda mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko bafashe bagizwe n’urwaruka rutarenza imyaka 25, mw’ishirahamwe ACOPA Burundi basaba ko hoba igikorwa kigiwe imbere na Reta, co kwigisha inyifato ibereye ku rwaruka, abakiri bato bigishwe gushira mu gaciro imbere y’ugukurikiza ivyo baba babwiwe. Muri iryo shirahamwe basaba Reta ko yoshiraho umunsi wahariwe amahoro mu Burundi, kugira ube akaryo ko kwigisha abakiri bato, bamenye ko amahoro ari itunga ridasubirizwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Njanye nawe uravuze sinkabamwe ba Mbonimpa,vital,pacifique basimbira kwisunzu yinzu bakanegura abasoda aho bokwiyamirije kwanza abitwaje ibirwanisho vyo guhungabanya umutekano wa bene Burundi

  • Eeeee! Ekada ndisubiyeko bwabundi gupoperanya sivyiza ukurikiranye imvugo yuyu mukuru wirishirahamwe irumvikanako afise icasumbije bamwebamazimisi bagogota ngo igisirikare cuburundi ngonticakiriye neza abaribagiteye bakongeraho ngo uburundi ngobukwiye gufatirwa ibihano ngokuko buterwa bukivunumwansi.Kurikiranyeneza irishirahamwe ntiryashize imbere ivyokuvugira abateye ahubwo risabako hokomeza gukorwa amatohoza yimbitse kugira uwashoje intambara akegeranya urwaruka akariha ibirwanisho amenyekane ahanwe inyuma yogushorabantu ngonibagende guhangana nigisirikare cigihugu cu Burundi (Intare) urazoreba nokunkofero zabo agapfoto kahari akariko.

  • Oya barya ba Vital na Pacifique bakwiy gukogwako amatohoz babaye abambere mugusimbir hejuru bavugako igisirikare cavyifashemwo nabi mbega baribaje kubasiga? abo bagabo bigirango baserukira abanyagihugu batow nande kontazi igihe biyamamaza mbega bibaza ivyobapfa kuvuga nibacire birarura igisirikare kirikwije

  • ariko mana ngo basavye amatohoza aribo boyirondereye ari uburundi buragowe sindabahenda umutegetsi wes ngo amatohoza mwebwe abarundi nimwe mukwiye kwitohoreza murekane nabo mwabonye ko abarundi mwabaye benshi mugomba kugabanuka atagapfuye ntagakira muzopfa abandi bavuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.