Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyanijeriya Ade Ayeyemi yagenwe kurongora ibanki Ecobank. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umunyanijeriya Ade Ayeyemi yagenwe kurongora ibanki Ecobank.

Umunyanijeriya Ade Ayeyemi yagenwe kurongora ibanki Ecobank.

lundi 8 Ruheshi 2015

Mw’itangazo ryagiye ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,Ecobank imenyesha ko umuyobozi mushasha azotangura imirimo kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga,2015.

Ade Ayeyemi agenywe ngo asubirire Albert Essien agiye kuja mu karuhuko k’izabukuru kuva kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi,2015.Ecobank ikamenyesha ko ingingo zibereye zigiye gufatwa n’urwego nshingwantwaro mu ntumbero yo gushiraho uwuba ararongora Ecobank mu kiringo nfatakibanza co kuva kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro gushika kurya 31 Myandagaro.

Ade Ayeyemi agenywe muri ayo mabanga,mu gihe yari asanzwe arongoye ikigo Citigroup,gikorera mu mugabane wa Afria mu gice co hepfo ya Sahara,gifise icicaro I Johannesburg muri Afrika y’epfo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.