IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ADJOBA LOVE yafatiwe mu Rwanda aca ashikirizwa igiporisi c’Uburundi

ADJOBA LOVE yafatiwe mu Rwanda aca ashikirizwa igiporisi c’Uburundi

mercredi 6 Munyonyo 2013

Mu ntumbero yo gukomeza ugukorera hamwe hagati y’igiporisi c’Urwanda n’ic’Uburundi, igiporisi c’Urwanda, biciye ku shami ryaco mpanavyaha rijejwe gukurikirana ivyaha ndenganamipaka (interpol), cashikirije igiporisi c’Uburundi umunyagihugu w’umurundi, Nduwimana Ismael yagirizwa ubusuma bw’ivyuma vy’ugucuraranga.

Ico gikorwa cabereye mu karere ka Huye mu gihugu c’Urwanda ku munsi w’ejo igenekerezo rya 5 Munyonyo 2013. Mu giporisi c’Urwanda bamenyesha ko iryo fatwa rya Nduwimana Ismael asanzwe ari umuririmvyi benshi bazi kw’izina rya ADJOBA LOVE bari babisabwe n’igiporisi c’Uburundi. Abajejwe umutekano mu gihugu c’Urwanda barondeye uwo yagirizwa ubusuma vyavugwa ko yahungiye muri ico gihugu. Bamufashe baciye bamushikiriza inzego z’umutekano mu Burundi nk’uko bari bavyumvikanye, biciye mu giporisi ca Interpol.

Nduwimana Ismael "ADJOBA LOVE akekwako kwiba ivyo vyuma vy’ugucuraranga agifatwa vyabonetse ko ata bwoba na buke afise. Yarahakanye ivyo yagirizwa, amenyesha ko atigeze yiba ivyo vyuma, ahubwo ko yabijanye mu gihugu c’Urwanda kubikoresherezayo. Ivyo vyuma bivugwa ko ari ivyibano bigizwe naza gitari, ivyuma bishikana kure amajwi (speaker), ibiyayungurura (mixer) n’inanga. Nduwimana Ismael yivugiye ati : "Ibi vyuma ntavyo nigeze niba ni ivyanje. Nabiguriye i Bujumbura imiliyoni 13 z’amafaranga y’amarundi”. Yabandanije avuga ko abavuga ko yavyivye bamubeshera, kandi ko yiteguye kuvuga ukuri kwavyo.

JPEG - 60.5 ko
Umuririmvyi Nduwimana Ismael "ADJOBA LOVE" yagirizwa ubusuma bw’ivyuma vy’ugucuraranga

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda amenyesha ko umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Ndayambaje André yashimye ico gikorwa c’igiporisi c’Urwanda, yongera amenyesha ko ivyo biporisi vyompi bigiye kubandanya bikorana mu gutuza abasuma n’abandi bagizi ba nabi biba hama bagahungira muri kimwe muri ivyo bihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.