Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afganistan : Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru watahukanye intsinzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Afganistan : Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru watahukanye intsinzi (...)

Afganistan : Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru watahukanye intsinzi idasanzwe

jeudi 12 Nyakanga 2013

Inyuma yo gutsinda umurwi w’umupira w’amaguru wo mu gihugu c’Ubuhindi, kuri uyu wa gatatu wa 11 Nyakanga 2013, ibitsindo bibiri ku busa mu mahiganwa y’ibihugu vy’Aziya y’ubumanuko, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru wa Afganistan warahimbaje vy’akarorero intsinzi yayo ya mbere, aho bari bakiriwe batahutse i Kaboul.

Abanya Afghans insinzi bari basagaje ku kibuga c’umupira w’amaguru c’i Kaboul kugira bigine iyo ntsinzi batari bwigere baronka. Uwo munezero w’akataribwoneke mu gihugu ca Afghanistan wasasagaye uno munsi, mu gihe hari haciye imyaka 15 abanyagihugu bari mu mishamirano n’abatalibani.

Umukuru w’igihugu ca Afganistan, Hamid Karzai akaba yakiriye uwo murwi nserukiragihugu inyuma yo gutahana instinzi. Mu kwigina instinzi baronse, Hamid Karzai, yaciye abatiza indege yo kwinezerezamwo bari kumwe n’abarorerezi babo. Ati : « Urwaruka rwacu rwerekanye ubukerebutsi n’ubwira bafise mu gutsinda ».

Kuva muri iri joro ryakeye, amabarabara yose y’i Kaboul yari yuzuyemwo abantu bagaragaza umunezero bafise, bivuga n’amazina kubw’iyo ntsinzi igihugu caronse.
Nkuko imico yabo ibisaba iyo yabaye intsinzi, abarorerezi mu guhimbaza bararashe mu kirere amasasu bakoreshe inkoho zo mu bwoko bwa kalachnikov. Ariko, ku gutinya ko umutekano wohava uhungabana, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaciye busohora itangazo kuri uyu wa kane busaba abantu ko ubwo buryo bwo kurasa amasasu mu kwigina intsinzi bwohagarara.

Mwomenya ko inyuma y’imyaka irenga 30, igihugu ca Afganistan kiri mu ntambara, iyo ntsinzi ije yerekana ubudasa, mu gihe abantu bari barahahamutse n’ibitero vy’abihevyi bidahengeshanya kuba. Ariko n’aho biri uko, igihugu kigenda kiriyubaka buke buke, uhereye mu gisata c’inkino kuko kuva mu mwaka w’1984 gushika mu mwaka w’2003 ata rukino nserukiragihugu rwari bwasubire kuba.

Haraciye imyaka irenga 10, ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru ridahengeshanya gutanga amafaranga agera ku muriyoni w’ama euro kugira rishigikire imigambi ibiri ya Kaboul, ariyo : kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru ca kijambere no kwubaka icicaro gikuru c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Afghan.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.