Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afghanistan: Igisoda c’Afghanistan casubiriye OTAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan: Igisoda c’Afghanistan casubiriye OTAN

Afghanistan: Igisoda c’Afghanistan casubiriye OTAN

mardi 18 Ruheshi 2013

Abashinzwe umutekano muri Afghanistan bafashe kumugaragaro ibikorwa vyo kurwana vyari bisanzwe bikorwa n’umuryango wo kurwaniriza umwansi hamwe wa OTAN.

Mu birori vyabereye ku murwa mukuru wa Kabul, umukuru w’igihugu ca Pakistani Hamid Karzai, yavuze ko ari igikorwa kizoha amateka igihugu. Yongeye aravuga ko hagiye kuzohinduka uburyo bwo kurwana bwahora bukoreshwa, avuga ko mu gihe kirimbere hatazosubira gukoreshwa ibitero vy’indege za gisirikare kuvyo yise isamburwa ry’ ingo n’ibirwati vy’ abanyafghanistani.

Iri hererekanywa rya OTAN n’igisirikare ca Afghanistani ribaye haheze hafi imyaka 12 abasirikare ba mbere b’Amerika binjiye ku butaka bwa Afghanistan. Abasirikare mpuzamakungu ariko bazohaguma gushika mu mpera z’umwaka uza w’i 2014 kugire bagume bafasha abasirikare b’ Afghanistan uburyo bwo gutuza imirwi y’iterabwob bivurwa ko yiraye muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.