Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afghanistan: NATO yahinduye umuyobozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan: NATO yahinduye umuyobozi

Afghanistan: NATO yahinduye umuyobozi

dimanche 10 Ruhuhuma 2013

Umusirikare w’ipete ya General w’umunyamerika arwanira mu mazi, Joseph Dunford yasubiririye General John Allen ku ntebe yo kurongora ingabo za NATO ziri muri Afghanistan.

Ibirori vy’iryo bisikanya vyabereye ku biro bikuru vy’umuryango wo gutabarana wa NATO hanze y’umurwa mukuru wa Kabul.

General Dunford niwe azohagararira igikorwa co gutahukana abasirikare b’abanyamerika bava muri Afghanistan.

Iyi niyo ntambara Amerika imazemwo igihe kirekire yarungitsemwo abasirikare.
Imbere y’uko ava muri ayo mabanga, General Allen yabwiye BBC ko yemera ko NATO yatsinze intambara irwana n’abataliban.

Igisirikare ca Afghanistan ubu nico kirongoye ibitero vyinshi ariko gisaba ko NATO yokwitonda ikaguma muri Afganistan kugirango ibafashe.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.