IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Afirika y’epfo:Nelson Mandela agwaye amahaha

Afirika y’epfo:Nelson Mandela agwaye amahaha

mercredi 12 Kigarama 2012

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri nAifrika y’Epfo vyamenyesheje ko Nelson Mandela ariko aravurwa ingwara yamufashe mu mahaha akajanwa mu bitaro ku munsi wa mungu uheze.

Niyo nkuru ya mbere itanzwe ku magara y’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo kuva asubiye kwinjira ibitaro.

Nelson Mandela bakunze kwita ‘’Madiba’’ muri Afirika y’epfo afise imyaka 94 y’amavuko.
Bivugwa ko ariko arafata imiti neza ,Reta igasaba abanyagihugu kudatwarwa n’ubwoba.
Ariko naho iyo nkuru yatanzwe, kuba ata vyinshi vyavuzwe ku buryu amagara ya Mandela yifashe muri rusangi ntibireka gutuma abantu biyumvira canke bibaza vyinshi.
Mu myaka ibiri iheze, imitima yari yahagaze igihe yinjizwa ibitaro afise ingorane zo guhema nabi ariko mu nyuma aravugwa arakira.

Mandela yarigeze kuvugwa ingwara y’igituntu igihe yari akiri mw’ibohero rya Robben Island.
Mandela yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Afirika y’epfo mu mwaka w’1994 inyuma yo kuva mu munyororo yari amazemwo imyaka 27 kubera kugwanira ukwishira n’ukwizana kw’abirabure muri ico gihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.