Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abakenyezi 20 banyiganyije umugabane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika : Abakenyezi 20 banyiganyije umugabane

Afrika : Abakenyezi 20 banyiganyije umugabane

lundi 10 Ntwarante 2014

Mu ntumbero yo kwigina umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, ibinyamakuru vyaboneyeho akaryo ko gushira ahabona abakenyezi bahagurutse gushika ku rwego rwo kunyiganyiza umugabane.

Aho hambere, umukenyezi nta jambo yagira mu rugo no mu muryango, haba mu ngo z’abifise canke mu ngo zibayabaye. Naho vyari uko, uko imyaka yagenda, niko nabo bagenda barajijuka, bamwe bamwe batangura no kuja mu mashure, bahungurira ubumenyi butari buke.
Ku mugabane wa Afrika, kuva kera abakenyezi ntivyari vyoroshe gushika ku bikorwa bikomeye, kuko mu mico yaho, umukenyezi yamye ari uwujejwe udukorwa tubayabaye two mu kigo, ivyo bigatuma atanashobora kuja mw’ishure kunonosora ubumenyi bwisununuye.
Uko ibihugu vyagenda biratera imbere, niko n’imibereho yagenda irahinduka. Bamwe mubitwa ko bifise mu ngo zitandukanye, batangura kuja baranonosora ubumenyi, gutyo abakenyezi baboneraho akaryo nabo ko kwitaho kumenya amabanga akomakomeye.

Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, kw’isi yose barahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, ikinyamakuru “Jeune Afrique” kikaba caboneyeho akaryo naco gushira ahabona abakenyezi 20 b’abanyafrika banyiganyize umugabane. Abo nabo ni :

Fatou Bensouda : Gambie
Nkosaza Dlamini-Zuma : Afrika yepfo
Aminata Touré : Sénégal
Mana Luisa Abrahantes : Angola
Daphine Mashile Nkosi : Afrika yepfo
Elsie Kanza : Tanzaniya
Wided Douchamadoy : Tuniziya
Vantine Rurwabiza : Rwanda
Hadeel Ibrahim : Soudani
Lupiya Nyong’o : Kenya
Angeline Namaika : Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo
Alice Nkom : Cameroun
Dambisa Moyo : Mali
Mariem Bensahah Chaqroum : Maroc
Noviolet Bulayo : Zimbabwe
Folake Folarim : Nigeriya
Ory Okolloh : Kenya
Folorunsho Alakija : Nigeriya
Leonora Miana : Cameroun.

Naho atari ibihugu vya Afrika vyose vyaserukiwe mu bakenyezi banyiganyije umugabane, mwomenya ko n’igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu vya Afrika birimwo abakenyezi basigaye bakora nk’ivyo abagabo bakora. Aho twovuga nko kuja mu nzego z’igihugu canke kurongora amabanga akomakomeye y’igihugu.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.