Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abakuru b’ibihugu bamaze kurenza ica kane c’ikinjana ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika : Abakuru b’ibihugu bamaze kurenza ica kane c’ikinjana ku (...)

Afrika : Abakuru b’ibihugu bamaze kurenza ica kane c’ikinjana ku butegetsi

mardi 3 Nyakanga 2013

Ku myaka 89, mugabe aherutse gutorerwa kurongora kandi igihugu ca Zimbabwe, inyuma y’amatora yateguwe muri ico gihugu, munyuma akayatsinda, naho uwo bariko barahiganwa we yanse, akavuga ko ayo matora yibwe urukombamazi.

Ariko ivyo bikaba bidatangaje, kuko amatora yo muri ico gihugu yama yidogerwa n’abatavuga rumwe na Robert Mugabe ko umukuru w’ ico gihugu ayiba. Ubu rero Mugabe, akaba ariwe mukuru w’igihugu wa mbere wo muri Afrika ashaje kandi amaze imyaka myinshi kuruta abandi ku butegetsi, kuko amaze imyaka 33 arongoye igihugu ca Zimbabwe.

Naho biri ukwo, si Mugabe wenyene yoba yatsinze amatora mu gihe ageze mu za bukuru. Hariho n’abandi nka:

Girma Wolde –Giorgis Lucha

Umukuru w’igihugu ca Ethiopia afise imyaka 88, akaba yavutse inyuma ya Mugabe amezi icumi gusa, ni ukuvuga igenekerezo rya 8 Kigarama mu mwaka w’1924, ubu rero akaba ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’2001.

Muri Afrika kandi hari abakuru b’ibihugu usanga bamaze kurenza ndetse n’ica kane c’ikinjana ku butegetsi.

Obiang Ngwema

Umukuru w’igihugu ca Guinée Equatorial akaba nawe amaze imyaka 34 ku butegetsi, ku myaka y’amavuko 71.

Jose Eduardo Dos Santos

Umukuru w’igihugu ca Angola nawe nyene amaze imyaka 34 ku butegetsi, akaba afise imyaka 70 y’amavuko.

Robert Mugabe

Umukuru w’ igihugu ca Zimbabwe amaze imyaka 33 ku butegetsi.

Paul Biya,

Umukuru w’igihugu ca Cameroun amaze ku butegetsi imyaka 31 ari umukuru w’igihugu, mu gihe imyaka indwi ya mbere yari umushikiranganji wa mbere, bisigura ko imyaka 38 ayimaze ari ku butegetsi muri ico gihugu.

Denis Sassou N’Guesso

Nawe wo muri Kongo Brazzavile, amaze imyaka 29 ku butegetsi, akaba afise imyaka 69 y’amavuko.

Yoweli Kaguta Museveni

Arongoye igihugu c’Ubuganda, amaze imyaka 27 ku butegetsi akaba afise imyaka 68 y’amavuko. Niwe wenyene mukuru w’igihugu wo muri aka karere k’Afrika y’Ubuseruko arambiye ku butegetsi, gushika uyu munsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.