Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abakuru b’ibihugu benshi babisikanya ari uko habanje guseseka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika : Abakuru b’ibihugu benshi babisikanya ari uko habanje guseseka (...)

Afrika : Abakuru b’ibihugu benshi babisikanya ari uko habanje guseseka amaraso

mercredi 19 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo ashobora kudasubira kwitoza mu mwaka w’2016. Uwo mukuru w’igihugu ntarerekana aho ahagaze, ku kibazo ko ashobora kubandanya atwara canke ko atazosubira kwitoza.

Lambert Mende umuvugizi wa Reta ya Congo, kuwa 9 Ntwarante ku nsamirizi RFI(Radio France internationale, hamwe n’imboneshakure TV5, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu Laurent Désiré Kabila azokwirikiza ibitegekanywa mw’ibwirizwa shingiro, kandi ko adashobora gutwara ibiringo birenga bibiri yikwirikiranya. Nk’uko bivugwa n’uwo muvugizi wa Reta, mu mwaka w’2016, ntazosubira kwitoza, azoca ava ku butegetsi abisikanye n’uwundi azoba yatowe.

Abatari bake rero baragize ico babivuga ko, ariko nta n’umwe ayobewe ko kuva ico gihugu cikukira ata na rimwe abakuru b’ibihugu bigeze babisikanye mu mahoro. Kuva kuri Patrice Lumumba gushika kuri Yozefu Kabila, ugaca kuri Mobutu hamwe na Laurent Désiré Kabila, abategetsi bamye babisikanya habanje guseseka amaraso.
Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, Yozefu Kabila ntashobora kuja mu matora azokurikira, ategerezwa kandi kuba yavuye ku butegetsi ku genekerezo rya 19 Kigarama umwaka 2016.

Mu kwezi kwa Ndamukiza 2000, abanyasenegale baratangaye cane babonye Abdou Diuof abisikanije na Abdoulaye Wade. Uno munsi abakongomani bariko barota ivyo nyene, ko hoba ibisikanya riciye mu mutekano. Ariko abenshi nta nivyo biyumvira na gato.
Umwe mubo batavuga rumwe na Reta ya Kabila, Samy Badibanga amenyesha ko batizeye ko Kabila azohava asubiza ubutegetsi mu mutekano, kuko no mu makungu batanguye kubivuga. Kubwiwe, Reta ya Congo isangiye iyo ngorane y’ukudashaka gusubiza ubutegetsi, kuko hama na Petero Nkurunziza w’Uburundi hamwe na Paul Kagame w’Urwanda nabo boba bari mu biharuro nk’ivyo vyo kurondera ingene boguma ku butegetsi. Ubu bose uko ari batatu, bariko batwara mu kiringo cabo kigira kabiri ari naco ca nyuma ,ariko rero barashobora kurondera uburyo bwose bwo kugira batware ibiringo bigira gatatu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.