Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Igituma imishatsi y’abirabure idakura cane nk’iyabafise urukoba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika : Igituma imishatsi y’abirabure idakura cane nk’iyabafise urukoba (...)

Afrika : Igituma imishatsi y’abirabure idakura cane nk’iyabafise urukoba rwera

lundi 29 Kigarama 2014

Umushatsi ni kimwe mu bigize ubwiza bw’umuntu na cane cane ku gitsina gore. Mu bihugu bimwe bimwe, abakenyezi n’abigeme birita k’urutare kugira imishatsi yabo ikure ni ngonga yongere ibe myiza.

Abantu batari bake baribaza igituma imishatsi y’abirabure idakura n’ingoga canke idakura ingane n’iyabafise urukoba rwera canke imvange.

Abagize ubushakashatsi ku bijanye n’ubwoko bw’imishatsi y’abantu, bavuga ko hari ubwoko butandukanye bw’imishatsi kuko hari iy’abirabure n’iy’abafise urukoba rwera. Kubirabure, imishatsi mu gukura, ni gake irenza isantimetero 15 (15cm) ku mwaka. Abenshi mbere muribo, bakaba bafise iyitarenza isantimetero 5 mu kugura ku mwaka.

Ku bibaza ko imishatsi y’abirabure yoba idakura co kimwe n’iyabazungu canke iy’abimvange (métis), bamwe mu bashakashatsi bakorera ku murongo ngurukanabumenyi ’’hairfinder.com’’ usanzwe wandika kubijanye n’ivy’imishatsi, bavuga ko naho abantu bose badafise urukoba rumwe, imishatsi yose ikura co kimwe bivanye n’ubwoko bw’imishatsi n’ingene umuntu ayifata.

Bimwe mu bituma imishatsi idakura neza, hari ukuguma bayisuka bituma umutwe utaruhuka, kuyitsiba canke kuyisiga ama produits kenshi, kuyoza iminsi yose, kuyisokoza itumye neza kuko bituma igira amapfundo atuma iza iracikagurika, kutayisiga amavuta iminsi yose canke kuyisiga amavuta atajanye n’ubwoko bw’imishatsi, kuyigoroza akenshi n’ivyuma vy’imishatsi (Fer à friser canke à lisser) hamwe no kutayifata neza (traitements des cheveux).

Abashakashatsi bakemeza neza ko naho imishatsi y’abantu burukoba rwera ikura iba miremire, n’iyabirabure ishobora gukura igororotse kandi ivyibushe, mu gihe ifashwe neza kuva mu mizi yayo.

Bimwe muvyokorwa, ni ukwitwararika kuyisokoza bukebuke n’igisokozo gifise amenyo manini naho nyene ahereye ku mizi, kuyisiga amavuta kenshi, kutayoza iminsi yose, kutayisuka kenshi kugira umutwe ushobore kuruhuka, hamwe no kuyirinda kuyigoroza ivyuma bituma inyunyuka.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.