Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika ishobora kurwa mu kaga mu myaka 20 mu gihe igisata c’uburimyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika ishobora kurwa mu kaga mu myaka 20 mu gihe igisata c’uburimyi (...)

Afrika ishobora kurwa mu kaga mu myaka 20 mu gihe igisata c’uburimyi kitogarukirwa

mardi 13 Rusama 2014

Ikigoyi kivuye ku mwimbu muke ni kimwe mu ngaruka zishobora kwibonekeza mu muri Afrika mu myaka iri hagati ya 20 na 25, mu gihe hatofatwa ingingo zo kugarukira igisata c’uburimyi ku mugabane wose wa Afrika.

Nk’uko vyasiguwe na Akinwumi Adesina, umushikiranganji w’uburimyi mu gihugu ca Nigeriya, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Xhihua, Afrika ishobora kurwa mu kaga ka kigoyi mu myaka 20 iriko iraza, mu gihe hatogira igikorwa mu gisata c’uburimyi.
Kubwiwe, kugira umwimbu n’ibifungurwa muri Afrika biboneke, mbere n’ikigoyi cohabaye gihararikwe hakiri kare, hakwiye gufatwa ingingo zikomeye mu gushira imitahe mu gisata c’uburimyi hamwe no gukorana cane n’abakiri bato muri ico gisata.
Ikindi naco, igisata c’uburimyi ntigikwiye gufatwa nk’igikorwa c’ukurwanya inzara gusa, ariko kandi nk’igisata c’ubutunzi.

Umushikiranganji Adenisa abandanya avuga ko igisata c’uburimyi ari igisata gikenewe gushirwamwo umwete n’inguvu mwinshi kugira umwimbu urwire gusumba. Agahamagarira abakiri bato guhindura ivyiyumviro bafise ku gisata c’uburimyi kuko ari igisata gituma haboneka ubuzi butari buke baba bakeneye.

Mu nama iheruka kubera i Abuja ku bijanye n’ubutunzi bwo muri Afrika, bimwe mu vyashitsweko kugira umwimbu muri Afrika uboneke, n’uko hakenewe gukoresha ubuhinga bwa kijambere mu gisata c’uburimyi mu gukoresha imbuto zirobanuye, umwavu w’ikizungu canke wateguwe neza, kurushirizaho gushira umutahe mu bijanye n’ibikoresho vya kijambere vyo kuvomera imirima kugira umwimbu wongerekane, kwubaka amabarabara yo hagati mu gihugu hamwe no kugarukira abarimyi mu kubaronsa agahembo gakwiye.

Mwomenya ko mu myaka ibiri hatanguye gukoreshwa uburyo bwa kijambere mu gisata c’uburimyi, igihugu ca Nigeriya cadugije umwimbu kugeza ku matoni imiriyoni cumi na zitanu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.