Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika itegekanya kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika itegekanya kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Afrika itegekanya kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

lundi 23 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, asanzwe ariwe aramutswa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Union Africaine), yamenyesheje ko Afrika itegekanya kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (Cour Pénale Internationale) y’i La Haye. Nk’uko vyashikirijwe na Robert Mugabe, Afrika yoca yishiriraho sentare ya Afrika y’ubutungane mpuzamakungu n’agateka ka zina muntu (Cour Africaine de Justice Internationale des droits de l’homme Africain).

Robert Mugabe, umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yamenyesheje ko iyo sentare ya Afrika yoshingwa kugira abe ariyo izohora ica imanza z’ubwicanyi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu muri Afrika, ivyo bikaba gutyo mu gihe izo manza zahora zihabwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bakaba bayagiriza ko yanka abanyafriika n’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, kuko ku bwabo yiziziwe n’abazungu bagizwe n’abanyamerika hamwe n’abanyaburaya bakorera hamwe "mu kurwanya abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika".

JPEG - 77.7 ko
Robert Mugabe, umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Mu bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bamaze kwerekana ko bashigikiye ko Afrika yokwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, twobabwira nka Uhuru Kenyatta umukuru w’igihugu ca Kenya yamaze gutera umukono ko musezerano y’i Malabo avuga ishirwaho rya sentare ya Afrika y’ubutungane mpuzamakungu n’agateka ka zina muntu (Cour Africaine de Justice Internationale des droits de l’homme Africain). Reta ya Uhuru Kenyatta ikaba yaramaze kwemera ko izotanga amafaranga agera ku muriyoni w’amadoare, nk’intererano y’ishirwaho ry’iyo sentare ya Afrika izotorera inyishu ibibazo vya Afrika, izo nyishu zigatorwa n’abanyafrika ubwabo.

Umukuru w’igihugu Robert Mugabe ari nawe aramutswa ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika amenyesha ko ukwo gusaba ko Afrika yokurwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha bitegekanijwe mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Sommet de l’Union Africaine) izoba mu kwezi kwa Ruheshi, muri Afrika y’epfo.

Tubibutse ko mu nama idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (Sommet extraordinaire de l’Union africaine sur la Cour pénale internationale) yabaye kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 12 Gitugutu 2013 i Addis Abeba, abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bari bategetse ko ata mukuru w’igihugu n’umwe wa Afrika yosubira gutumwako n’ubutungane mpuzamakungu, mu gihe akiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • murabesha basha babahanze amaso mwankozi zikibi mwe hiiiii

  • YAMASHIRAHAMWE YIBURUNDI YIYITA KO ADAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE YO MWUMVA YOCA AMWITWARIRA MU BUSUISSE; KO AGIRA ABAKURE UMUKATE MUKANWA. FOCODE;FORSC; OLUCOM. PARCEM GIRA ICO MUVUZE

  • Erega iyo bavuze ko imanza zabakuru bibihugu zizocirirwa muri astuvat nyene nne nikuki hari abaca bavuga amashirahamwe yigenga?muburundi Nimba abarundi bagihema nuko ayo mashirahamwe asemerera kandi ico ajejwe gukora azogikora
    Bavuze ko imanza zizocirirwa muri africa erega simumugambwe
    Mbe mwibaza ngo amashirahamwe yigenga azoreka gukora ibikorwa vyayo?
    Harigihe yritä itegeko wibaza ngo rizokworohereza Nescafe kabiri rikaguhinduka uburorero turabufise kandi bwo hafi
    Inkozi zibibi haragera igihe ukuri kuja ahabona urubanza rugacibwa Mbe iyo president mugabe atanze iciyumviro benshi mubatazi ubwenge bibaza ngo bagiye kworoherwa
    Nkumuntu yinamura ngo amashirahamwe niho hajota avomera None Wee atavomera yo natwereke Aho ashirimbere we usanga ari bamwe bazohava baba abaja nkuko umukozi w,Imana Ntamwana yabise ahubwo ncuti shimira ayo mashirahamwe mugihe utazoba ufise ubwo bubasha wibaza ko uzohorana azogufasha siwe wambere canke uwanyuma intwaro sizo kwishimira canke ubwoko kuko hari uwavuze ngo "ntihica ubwoko hica ubutegetsi bubi"uyo yabivuze ni H.HUSSEIN RADJABU amashirahamwe yigenga nakomere kandi aragahoraho.

  • Murirusangi irya sentare yi Lahe yashiriweho abany’Afirica, muriwamugambi wokutavakwima mugukoroneza Africa. Ikindi abazungu nubwo bokora ibintubibi mubihuguvyabo ntamunyagihugu wavyo azoza kubwira abany’Africa amabi akorwa nabobazungu, ariko twebwe utunyagihugu twomubihugu vyacu bakira kutwemerera akadolari dusigara mengo nuwuciye amate amacandwa hasi twocatwiruka kubwira abobazungu, mberejewe mbonakubikura bitazotworohera kubera ubukene ibihugu vyishivya Africa birimwo, nubuwosanga hariko abany’Africa bariko barabusya batabwambaye kugira uwomuzeye Mugabe abangamirwe babicishijemukuvugango mudutabare barikobarashaka kubigizayo kugira baturye batwicayeko!
    JEWE BURYA NARIMUBAMBERE BARIBASHIGIKIYE BURYABUCAMANZA BWOMU BUHORANDE ARIKO INYUMAYOKUBONA KORWIBANDA KUBANYAMAKOSHA BA AFRICA NABONYE IKINDIKINTU CAGAKURA AHO BAHAMAGARIJE PEREZIDA WA KENYA KINYATTA KUBERA UBWICANYI BAMWAGIRIZA NGOYAGIZEMWO URUHARA KENYA, ARIKI BIGEZE KUWURI PEREZIDA WU RWANDA KAGAME YAGIRIZWA KUBA YARAGIZE URUHARA MUMA MILLION YABANYARWANDA NABA CONGOMAN BICIWE CONGO (ZAIRE) KURIWE HAKACA HAKORA ICITWA UBUNDAHANGARWA. ICOKINTUCARABAYE KUGIRAKIZOMVE MUMUTWE SUYUMUSI MBERE HARIHUMUNTU MPERUTSE KUBONA AGOMBA KUZOSOHORA IGITABO KIRIMWO AKAKAMARAMAZA!.

  • Genda mugabe urumugabope ararivuze mbega abirabure tuzova mubukoroni ryari hagurukira tuner mwerekane lo mushoboye God bless Africa

  • Genda mugabe urumugabope ararivuze mbega abirabure tuzova mubukoroni ryari hagurukira tuner mwerekane lo mushoboye God bless Africa

  • Genda mugabe urumugabope ararivuze mbega abirabure tuzova mubukoroni ryari hagurukira tuner mwerekane lo mushoboye God bless Africa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.