Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Urutonde rw’amahinguriro ateye imbere kuruta ayandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika : Urutonde rw’amahinguriro ateye imbere kuruta ayandi

Afrika : Urutonde rw’amahinguriro ateye imbere kuruta ayandi

mardi 13 Myandagaro 2013

Amahinguriro y’ibihugu biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ntiyashoboye kuja yose ku rutonde rw’ibihugu bifise amahinguriro akomakomeye yo muri Afrika.amashirahamwe amajana atanu. Amahinguriro amwe yo muri Kenya n’ayo muri Tanzaniya akaba yararonse ibibanza.

Ishirahamwe ry’ibitoro ryitwa SONATRACH ryo mu gihugu ca Algerie niryo riza ubwa mbere. Ivyo abahinga bakoze iki cegeranyo bakisunga n’amafaranga akoreshwa niryo hinguriro, nayo ryinjiza. Ihinguriro ryo mu gihugu ca Angola naryo nyene rihingura ibitoro ryitwa SONANGOL riza mu kibanza ca kabiri. Igihugu ca Afrika y’Epfo kikaba gica gifata ibibanza ca gatatu gushika ku kibanza ca 23. Amahinguriro atandukanye yo muri ico gihugu, haba ayahingura impapuro, ayo kwubaka, ayo gukora amaterefone ngendanwa, ay’uguhingura ubutare n’agataka n’ayandi atandukanye.

Igihugu ca Maroc giserukiwe n’ishirahamwe rihingura ubutare ritwara ikibanza ca ca 24, Egypte kikagira 31 n’ishirahamwe ry’ukwubaka amazu ORASCOM. Ishirahamwe ry’ibitoro ryo mu gihugu ca Cote d’Ivoire naryo rikaza mu kibanza ca 73, irihingura ubutare bwa Cuivre ryo muri Zambiya naryo rikaba rifata ikibanza ca 77. Ishirahamwe rihingura ibitoro ryo mu gihugu ca Cameroun naryo rigira irya 86, irihingura imiti ari ryo ryonyene riri muri urwo rutonde, rikagira irya 96 ryo mu gihugu ca Tuniziya.

ORASCOM

Bigaragara ko ku rutonde rw’ibihugu ijana biza ubwa mbere, amazina y’amahinguriro yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo aguma yisubiriza cane. Ku rutonde rw’ivyo ijana, ibihugu bikurikirana uku :

-Algerie -Angola -Afrika y’Epfo -Maroc -Egypte -Cote d’Ivoire -Zambiya -Cameroun - Tuniziya.

Amashirahamwe ahingura inzoga ari mu karere k’Ubuseruko bw’Afrika akaba ariyo aza mu bibanzavy’ijana kuduga gushika ku majana abiri, co kimwe n’amwe mu yahingura igitoro na terefone yo mu gihugu ca Kenya. Ihinguriro ry’igitoro KENOLKOBIL rifata ikibanza c’114, iry’amaterefone rigira 126, iry’inzoga aho nyene muri Kenya rikagira 274. Igihugu ca Tanzaniya naco kikaba giserukirwa n’ishirahamwe rihingura inzoga ryitwa Tanzania BREWRIES ku kibanza ca 291. Amashirahamwe yo mu gihugu ca Uganda, Urwanda n’Uburundi akaba atashoboye kuronka ikibanza muri urwo rutonde rw’amahinguriro yo muri Afrika amajana atanu akomeye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.