Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Abaganga batanguje ubuhinga bwo gutera imvyarabibondo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika y’Epfo: Abaganga batanguje ubuhinga bwo gutera imvyarabibondo (...)

Afrika y’Epfo: Abaganga batanguje ubuhinga bwo gutera imvyarabibondo zacitse

samedi 14 Ntwarante 2015

Ubuvuzi bwo muri Afrika y’Epfo bwashoboye gusubiriza imvyarabibondo zacitse canke yagwaye indwara ikomeye (Penis transplantation). Ubwo buvuzi bugiye kugarukira ku bahungu canke abagabo bagira ingorane z’imvyarabibondo zabo mu gihe basiramuwe.

JPEG - 58.4 ko
Umurwi w’abaganga bakoze ico gikorwa

Amakuru atangwa na BBC, uwa mbere yatewe imvyarabibondo afise imyaka 21 ariko izina ryiwe ryagumijwe mw’ibanga. Uwo muhungu yari yagize ingorane zo gusiramurwa mu migirwa ikorwa mu miryango imwe imwe yitwa Xhosa yo muri Afrika y’Epfo. Aho kugira umuhungu aje mu rwego rw’abagabo, ategerezwa kuja ku mugirwa wo gusiramurwa. Ico gihe yasa n’uwaciwe imvyarabibondo kuko yarasigaranye agapande gato, gapima nk’i centimetero imwe (1cm). Inyuma yo guterwa ikindi gihimba c’irondoka, nta ngorane n’imwe yagize haba kwihagarika, canke iyo agomvye kurangura ibanga ry’abubatse, canke gusohora intanga mu gihe co guhuza ibitsina. Uwo n’umwe yashoboye kuharokoka kuko abahungu batari bake, barapfa kubera uwo mugirwa.

Abaganga biga muri kaminuza y’i Stellenbosch n’abaganga bo ku bitaro Tygerberg bamaze amasaha ashika kuri 19 batera ico gihimba uwo musore. Abo baganga nyene baremezako ico gikorwa kidasanzwe ariko uwo musore yarakize neza. Abo baganga bavuga kandi ko Afrika y’Epfo ikeneye ibihimba vy’irondoka vyinshi zo gutera abobicika kubera wa mu girwa twavuga, gusumba ahandi hose kw’isi.

Muganga Andre Van der Merweasanzwe atera amafyigo yabwiye BBC ati:" Ibi biragoye gusumba kuko imitsi itwara amaraso ifise ubwaguke bungana n’irimetero 1,5(1,5mm), mu gihe ku mafyigo bungana icentimetro imwe(1cm).

Muganga Van der Merwe avuga kandi ati:" Woshobora kuvuga ko atari gukiza ubuzima, ariko benshi muri abo basore bacibwa imvyarabibondo baca bakumirwa bagafatwa nk’abatawe n’ugupfa bagapfa. Iyo rero umuhungu atagira ico gihimba, aca amera nk’uwapfuye, iyo ushoboye kumuha imvyarabibondo, uba umusubije ubuzima"

Igikorwa nk’ico c’abaganga kizosubira inyuma y’amezi 3.

JPEG - 41.9 ko
Abahungu bari mu migirwa yo gusiramurwa

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.