Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo: Abapolisi 8 bagirizwa urupfu rw’umushoferi bahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo: Abapolisi 8 bagirizwa urupfu rw’umushoferi bahagaritswe

Afrika y’epfo: Abapolisi 8 bagirizwa urupfu rw’umushoferi bahagaritswe

samedi 2 Ntwarante 2013

Abapolisi bagirizwa urupfu rw’umushoferi afise ubwenegihugu bwa Mozambique barahagaritswe ku wa gatanu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2013. Mu kwica uyo mushoferi bamuboheye ku muduga, ugenda uramukwega hasi, nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique abivuga.

Iryo bara ryabereye mu kigwati gikukira igisagara ca Johannesbour. Bamwe bavuga ko iyo ibinyamakuru bidashira ahabona amafoto yerekana ingene vyagenze, igipolisi cari cashatse kunyegeza ivyabaye. Urwo rupfu rukaba rwatumye havugwa ibitari bike, kuko abanyagihugu bagiriza igipolisi guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu no kutubahiriza agateka ka zina muntu.

JPEG - 15.4 ko

Ikigaragara n’uko ayo mafoto yerekana uwo mushoferi abohewe ku muduga w’igipolisi ugenda umukwega hasi, abanyagihugu barorera. Ayo mafoto niyo yatumye Leta ya Afrika y’epfo ifata mu minwe ico kibazo. Uwo mushoferi bakaba bamuhoye ko yahagaritse umuduga nabi, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga. Uwurongoye ikomisariya itwara abo bapolisi akaba yarungitswe gukorera ahandi kugirango ntahuvye amatohoza.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko abo bapolisi bakoze icaha gikomeye, kandi ko hakenewe amatohoza yihuta, kugira ukuri kuje ahabona, abagiriwe n’icaha bahanwe hisunzwe amategeko.Abo bapolisi 8 bafashwe, bakaba bazorengutswa imbere y’ubutugane ku munsi wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante 2013.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.