Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Bariko bahimbaza imyaka 20 iheze baronse intwaro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Bariko bahimbaza imyaka 20 iheze baronse intwaro (...)

Afrika y’Epfo : Bariko bahimbaza imyaka 20 iheze baronse intwaro rusangi

dimanche 27 Ndamukiza 2014

Kuri uno w’ Imana, igihugu c’Afrika y’Epfo gihimbaza imyaka 20 iheze habaye amatora ahuriyemwo amoko atandukanye, ico gihe nyene niho bahamvye intwaro ya karyanishamiryango babicishije mu matora atekanye.

Amasengesho, amajambo atandukanye n’umunsi mukuru i Pretoria nivyo bitegenijwe kuri uno w’Imana. Ibirori kandi biratangura mu mpande zine z’igihugu c’ Afrika y’Epfo bibuka amatora yabaye ku wa 27 Ndamukiza umwaka 1994. Igenekerezo rya 27 Ndamukiza rero n’umunsi w’umwidegemvyo (jour de la liberté ) mbere baca baronswa akaruhuko. Mu gihe rero uwo munsi ushitse ku w’Imana, kako karuhuko kaca gashirwa ku munsi w’ Imana, hanyuma umukuru w’igihugu azoca aboneraho akaryo ko kubandaniriza uwo munsi mukuru mu nama nshingamateka.

Inyuma y’ibiganiro bitari bike bigoye hagati y ‘umugambwe wa Nelson Mandela ANC hamwe n’abategetsi batandukanye b’intwaro ya karyanishamiryango(Apartheid) , amatora yatumye igihugu c’Afrika y’epfo kitagwa mu kaga ndetse n’intambara abenshi baguma bavuga ko ishobora kuba yahavuye itaba ,baciye batora ibwirizwa nshingiro rishasha .

Hari ibicapo bibiri abanyafrika y’Epfo ndetse n’isi itazigera yibagira. Mu matora yo mu 1994 bibuka n’igihe Nelson Mandela yamwenyura adugije igipfunsi hejuru, afise ikarata y’itora yiwe, aho yaramaze iminsi mike cane avuye mw’ibohero yari amazemwo imyaka 27.

Ikindi gicapo kikiri mu mitwe y’abantu n’imirongo itari mike y’abari baje gutora batekanye imbere y’ibiro vy’amatora, vyerekana ko abanyagihugu bose bari bashize hamwe inyuma y’imyaka itari mike bari mu ndyane z’amacakubiri atagira izina. Inyuma yaho niho rero haba imbonekarimwe, aho abirabure nabo bashoboye gutora ubwa mbere muri ico gihugu c’ Afrika y’Epfo.

Kuri uwo munsi w’amatora, Nelson Mandela yagize ati ni umunsi udasanzwe utigeze kubaho mbere. Amatora yigenga kandi atahoyegamiye agiye yaba. Uno munsi n’igicugu c’umwidegemvyo. Ivyo yabishikirije imbere y’uko aba umukuru w’igihugu c’ Afrika y’Epfo, ku myaka 75 akaba yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure. Yongeye ko ati twese duhagurukire rimwe turungike ubutumwa nta narimwe tuzokwigera tureka ko akarwi k’abantu bari ku rushi batwiba umwidegemvyo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.