Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Graca Machel yemeye kuronka igice gusa c’ibisigi vya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Graca Machel yemeye kuronka igice gusa c’ibisigi vya (...)

Afrika y’Epfo : Graca Machel yemeye kuronka igice gusa c’ibisigi vya Mandela

mercredi 26 Ntwarante 2014

Inyuma y’aho hatangarijwe ku mugaragaro ukungene ibisigi vy’umuhisi Nelson Mandela bigiye kugabanganwa mu muryango yasize, Graca Machel yahoze ari umutambukanyi wiwe wa kabiri yemeye icese no mu nyandiko ko azoronka gusa ica kabiri c’amafaranga umunega wiwe yasize.

Imiriyoni 4,1 z’amadorari y’abanyamerika nizo zasizwe n’umuhisi Nelson Mandela, zikaba arizo zizogabanganirizwa umuryango yasize, umugambwe yahozemwo ANC, hamwe n’amashure atandatu yizemwo mu buto bwiwe.
Vyatangajwe ko umupfakazi Graca Machel ageze ku myaka 68 y’amavuka yemeye kuzoronka gusa igice c’amafaranga uwahoze ari umunega wiwe Mandela yasize, kuri uwu wa kabiri wa 25 Ntwarante 2014. Umucamnaza Dikgang Moseneke yamenyesheje ko uyo mupfakazi azoronka n’ibindi bisigi nk’uko vyasize birazwe n’umuhisi Mandela.
Mu bisigi bisirwa n’umuhisi Mandela, Graca Machel agiye kuronka, hakaba harimwo amazu ari mu gihugu ca Mozambique, imiduga, ivyakozwe mu tugenegene ndangakaranga, n’ibindi vyambarwa vy’agaciro vyegukira Mandela na Graca kuva aho bubakiye urwabo.

Mwomenya ko agashimwe kitiriwe Nobel k’amahoro umuhisi Mandela yaronse mu mwaka w’1993 katumye Graca Machel yahoze ari n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Mozambique Samora Machel aronka itunga ritari rike.
Ariko rero, kugira yegukire n’itunga ry’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Mozambike, Graca Machel asabwa kwemera guheba ico gice c’ibisigi yari yarazwe na Mandela kandi bwari uburenganzira bwiwe. Ivyo bisigi bikaba bingana n’imiriyoni 46 z’amafaranga y’ama rand, ni ukuvuga imiriyoni 3,1 z’amafaranga y’amanyaburaya.

Tubibutse ko kw’iragi ry’amafaranga yasize, Mandela atashimye ko Winnie Mandela, umutambukanyi wiwe wa mbere aronkako, ariko ayaraga abana biwe, abuzukuru n’abazukuruza bakomoka kuri Graca Machel umugore wa kabiri, abo bagendanye hamwe naho hose yaciye mu mashure yiwe gushika aheze.


Mariella Bukuru

Messages

  • Na kare "UTW’UMUSAZA TURIBWA N’UMUTORA INDA" Umuhinga wo gutahura ijambo atangura kuryiyumvirira kumburungu yaryo. Uwo Mutamakazi yamuhomvye ubusore ntiyomuhomba ubusezere kuko yamurindiriye kw’Ijambo rya nyuma. Umuhinga wo guhezagirwa aherekeza umuhanuzi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.