Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Igiporisi caje gutabara akaba kabaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Igiporisi caje gutabara akaba kabaye

Afrika y’epfo : Igiporisi caje gutabara akaba kabaye

mercredi 12 Ruhuhuma 2014

Mu gihe hari hasigaye amazi atatu gusa kugira habe amatora muri Afrika yepfo, abatavuga rumwe na Reta bari mu mabarabara y’i Johannesburg biyamiriza ubushomeri burangwa mu gihugu, baratanye mu mitwe n’abayoboke ba ANC, umugambwe uri ku butegetsi, igiporisi kiza gutabara akaba kabaye.

Abamenyeshamakuru bari aho kuri uno munsi wa gatatu wa 12 Ruhuhuma ahariko habera imishamirano, bavuga ko abanywanyi ba ANC bateye amabuye abari mu ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta ba DA (Alliance Democratique), baca batangura gutana mu mitwe. Igiporisi kihashitse caciye gitera ivyuka birakira mu gushwiragiza abantu. Urwaruka rutari ruke rwari rwambaye udupira twa ANC rukaba rwafashwe ruca rutwarwa n’imiduga y’igiporisi.

Melissa Cohen ari mu ruhande rwa DA ati : "Turi ngaha kugira twumvirizwe ariko duca twakirwa n’umudurumbanyo udasanzwe vyitwa ngo turi mu gihugu gifise ubwigenge. Ni uburenganzira bwacu bwo gusohora ivyiyumviro."
Abari mu ruhande rwa DA bariko bagira imyiyerekano kuri uyu wa gatatu wa 12 Ruhuhuma bakaba bagera ku 6000, biyamiriza umugambwe ANC wabemereye ubuzi bugera ku miriyoni zitandatu, ariko ntibaburonka.
Naho iyo myiyerekano yahabaye, mwomenya ko igiporisi cari casabwe kubuza abatavuga rumwe na Reta kugira imyiyerekano iruhande y’icicaro gikuru ca ANC.

Ku ruhande rwa ANC, Jacob Msweli, umwe mu banywanyi b’uwo mugambwe avuga ko imyiyerekano yakozwe n’aba DA (Alliance Democratique) ari agasomborotso, ari nayo mpamvu nabo baciye bavuna kugira bavugire umugambwe wabo.
Twobibutsa ko kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2014, abanyafrika y’epfo bahamagariwe kuzoja mu matora.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mwumva ngo barigaragavya.ubahay’akazi baragakora gusa imihanda bayimaze bayirwikamwo amapine yimodoka.naho polici yo yabony’akazi kuko nubundi yirirwa yicaye ntaco yakoraga yanwa igitoro cubusa.mwumva ngo iratabara ko iza birangiye.naho ikaza ipfa yo kurasa gusa kand’ivyononekaye vyononekaye.kuko baba ari abazungu.baba polici nti bihuta gutabara abarabure bibigorye.

  • Ikintangaza nikimwe bigaragamvya se wibazako akazi b agakora!bakaronse bagakora ukwezi kumwe bagahembwa basubirayo aruko amwe bahembwa yahezekuko nimborerwa kandi barashurashura cane.twebwe tuba nabo tuzinanye.

  • Police y’afrika yefo irazi ico ikora ntisa na ya Police yiwacu i burundi iyaba ari i Burundi oppositionniyo yahanwa kandi atariyo nyene amakosa ariko ngaha igi Police kirafata nabo muri ANC mugihe bafise amakosa

  • Ivya Africa Y’epfo ni hatari wumva ngo bari mumyiyerekano ngo aba nene wacu dusa ngo. Hari ico bazovamwo ahubwo turibaza tukabura.Iyo baronse ayo ma Rand baranwa inzoga bakiyibagira akazi bagasubira aruko basa nabanyoye a half yayo. Baronse bateye ubwoba. Bo urababaza inzoga,ubushurashuzi akazi munyuma nayo abapolice B’uburundi. Bokwitondabagakorera igihugu hagukorera umugambwe

  • ahubwo nabasaz hogushim ivyobafis harakant boz kub murundi boca biranda kwer

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.