Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Igishusho ca mbere mu bunini ca Madiba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Igishusho ca mbere mu bunini ca Madiba

Afrika y’Epfo: Igishusho ca mbere mu bunini ca Madiba

lundi 16 Kigarama 2013

Igishusho (statue) kinini cane, amaboko asanze, ikimenyetso co kunywanisha, cashizwe ahabona kuri uno wa mbere, imbere y’icicaro c’umukuru w’igihugu w’Afrika y’Epfo i Pretoria, mu gihe haheze umunsi umwe gusa ashinguranywe iteka, mu gisagara avukamwo i Qunu.

Ico gishusho rero gipima imetero 9 z’uburebure, kikaba gipima mu buremere itoni 4,5 z’ubutare bwa bronze. Ico gishusho cakozwe n’abanyafrika y’Epfo babiri umwe akaba ari Andre Prinsloo hamwe na Ruhan van Vuuren, kikaba giciye amafaranga angana n’imiriyoni 8 z’amarandi ni ukuvuga amadolari angana n’ibihumbi 800,000, canke amanyaburaya angana n’ibihumbi 564.000, ico gishusho rero kikaba kivugwa ko ari co gishusho ca Nelson Mandela ca mbere kirekire kw’isi yose.

Igicapo bamugize ariko aratwenga, amaboko ayuguruye, umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’Epfo Nelson Mandela asa naho umenga ariko aramutsa ishengero rinini. Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yari yitavye ivyo birori yamenyesheje ko ibindi bishusho berekana Mandela afunze ingumu, ukuboko kuri hejuru. Ubu rero, ukwo kuboko kwa Mandela gusanze, ni ikimenyetso c’Afrika irangwa intwaro rusangi. Asanganiza amaboko igihugu cose abahamagarira gufatana mu nda, ’’ Twebwe igihugu kirangwamwo ubwoko bwose butandukanye’’,niko yavuze mw’ijambo ryiwe.

Abakunda gukoresha umuhora ngurukanabumenyi wa twitter, baguma bavuga ko iyo nyifato (pose) rero ko isa n’iyi gishusho ca Yezu Kirisu kiri i Rio de Janeiro.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.