Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Ingeso yo gufata abana ku nguvu bagaca bicwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Ingeso yo gufata abana ku nguvu bagaca bicwa (...)

Afrika y’epfo : Ingeso yo gufata abana ku nguvu bagaca bicwa yabarengeye

jeudi 17 Gitugutu 2013

Umubabaro uvanze n’ishavu nivyo biboneka mu banyagihugu bo muri Afrika y’epfo i Johannesburg, inyuma y’aho abana b’abigeme babiri bafashwe ku nguvu bagaca batorwa ibiziga mu kazu rusangi ka surwumwe kegereye aho bahora baba n’imiryango yabo uko ari babiri. Mu gihe ivyo vyakozwe bitabaye ubwa mbere, abanyagihugu basa n’abatwawe n’ishavu. Umukuru w’igihugu Jacob Zuma amenyesha ko yifadikanije nabo mu mubabaro barimwo, ariko akabasaba kwihangana.

Ibiziga vy’abo bigeme babiri, umwe w’imyaka ibiri, uwundi w’imyaka itatu vyatowe ku genekerezo rya 15 Gitugutu, mu tuzu rusangi twa surwumwe turi hafi y’aho baba. Kuva aho babiboneye, abanyagihugu baciye batangura imyiyerekano biyamiriza iyo ngeso y’abashurashuza utwana duto, kenshi mbere bakanabica. kuri uyu wa kane niho imigumuko isa n’iyacureshe muri ako karere ka Diepsloot, agasagara gakenye ko mu buraruko bwa Johannesburg.

JPEG - 21.8 ko
Abanyagihugu bari mu myiyerekano

Iryo shavu ry’abanyagihugu bo muri Diepsloot ryadugijwe n’ukubona abakora ubwo bubisha basigaye babigize nk’ubuhizi. Nta gihe kinini cari giheze n’uwundi mwana w’umwigeme w’imyaka itanu agandaguwe. Bashavuzwa kandi n’ibikorwa vyo kwubaka ikirindiro c’igipolisi muri ako karere bimaze imyaka ibiri bihagaze, "ku mvo z’ubukene bw’amafaranga." Mu mashirahamwe aharanira agateka k’abana nabo nyene ntibahisha umwitwarariko bafise kuri ubwo bwicanyi n’ugufata ku nguvu bidasiba kuvugwa muri ico gihugu.

Haraheze iminsi ibiri gusa, ku munsi wa kabiri, abanyagihugu barihaye amabarabara, bashwiragiza abapolisi n’abamenyeshamakuru, bongera babomaguru utuzu twari mu nzira bariko bacamwo. N’ibidandazwa vy’abanyamahanga vyarahaboneye kuri uwo munsi.

Mu gipolisi, mu mugambwe uri ku butegetsi hamwe n’umukuru w’igihugu Jacob Zuma barateye ivyatsi iyo ngeso isa n’iyimonogoje, bahanagarira abanyagihugu kwirinda kwihanira ubwabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.