IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afrika y’epfo: irementanya ryakozwe mu bijanye no gutanga inshumbushanyo

Afrika y’epfo: irementanya ryakozwe mu bijanye no gutanga inshumbushanyo

lundi 24 Kigarama 2012

Abagabo babiri bo muri Afrika y’epfo bahagaritswe n’igipolisi mu gisagara ca Durban inyuma yaho bageragereje kurihisha amashirahamwe atatu atanga inshumbusho ku babuze ababo.

Ni mu gisagara ca Durban mu gihugu ca Afrika y’epfo kuri uno wa mbere aho abagabo babiri bahagaritswe n’igipolisi igihe bariko bagerageza gukora irementanya ku mupfasoni yoba yapfuye kandi atarivyo kugira amashirahamwe atatu asanzwe ashumbusha ababuze ababo abarihe.

Umugabo w’imyaka mirongo itatu n’itanu yashoboye gukora ibiranga umukenyezi ivyatumye aca aronka urupapuro rw’amavuko,urwo rupapuro rukaba rwamuhaye uburenganzira bwo gushobora kwandikisha ikiziga mu mashirahamwe atatu atandukanye asanzwe ashumbusha ababuze ababo.

Inyuma y’ivyo yaciye yumvikana n’umunyagihugu asanzwe afise uburuhukiro bw’abapfuye bwiwe bwite aho bumvikanye ko yomutiza ikiziga c’umukenyezi aho rero akoresheje ico kiziga yategekanya kuronka amafaranga ashika ku bihumbi cumi na kimwe vy’amadorari y’abanyamerika , akaba ari amafaranga ashika 8300 mu mafaranga y’abanyaburaya.

Igipolisi rero kikaba caciye kibimenya igihe bari bakiriko baragerageza gusohora ico kiziga kikaba mbere caciye kibahagarika. Aha rero abo bagabo bikaba vyari bitegekanijwe ko barenguka imbere ya sentare kuri uno mutaga.


Mugisha Van Nariss

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.