Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Jacob Zuma yinjiye ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Jacob Zuma yinjiye ibitaro

Afrika y’epfo : Jacob Zuma yinjiye ibitaro

dimanche 8 Ruheshi 2014

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma yinjijwe ibitaro kuri uwu wa gatandatu, bivuye ku buruhe burenze urugero yagize, nk’uko bivugwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko Jacob Zuma ari mu bitaro kuva kuri uwu wa gatandatu, ariko abaganga bajejwe gukurikirana amagara yiwe bakaba batanze icizere ko ubuzima bwiwe bwifashe neza, kiretse ikibazo c’uburuhe burenze urugero yagize, bica bituma bamwandikira ibitaro, kugira afata umwanya w’akaruhuko.

JPEG - 41.8 ko
Jacob Zuma

Amakuru atangwa n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo amenyesha ko ubwo buruhe bw’umukuru w’igihugu Jacob Zuma bwavuye ku mwanya w’amatora igihugu caherukamwo, mbere ayo matora akaba yereye umugambwe ANC wa Jacob Zuma, uyatsinda ku majwi 62 kw’ijana.

Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu Jacob Zuma yinjiye ibitaro mu gihe yaheruka kurahira kandi mu mabanga y’umukuru w’igihugu, inyuma y’iyo ntsinzi y’umugambwe ANC asanzwe akomokamwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Urakira nyakwubahwa perezida wa SAfrica J Zuma, Imana irikumwe nawe ubwoburuhe burahera as soon as possible, Ubuntu bw’Imana bubanenawe nigihugu ubereye president.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.