Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yasubiye kuja ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yasubiye kuja ahabona

Nelson Mandela yasubiye kuja ahabona

mardi 30 Ndamukiza 2013

Imboneshakure yigenga yo muri Afrika y’epfo yarerekanye kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2013, amasanamu ya Nelson Mandela ubu, ageze ku myaka 94 y’amavuka.

Mu gatondo ko kuri uyu wa 29, imboneshakure zo muri Afrika y’epfo zarerekanye Mandela, aho hakaba hari inyuma y’amayinga atatu yari amaze avuye mu bitaro aho yari yafashwe n’indwara y’umusonga.

Inyuma y’akanya gato, uwo yahoze arongoye igihugu ca Afrika y’epfo, Nelson Mandela yicaye ku ntebe, amaguru yiwe apfutswe n’igitambara, yabonetse nk’umuntu ataryohewe eka no mu maso hiwe biboneka ko arushe cane.

Ku masanamu amwe amwe, uwo yahoze arongoye igihugu ca Afrika y’epfo, aboneka yicaranye na Jacob Zuma aramutswa igihugu hamwe n’abandi barongozi bakuru bakuru b’umugambwe ANC uri ku butegetsi. Abo bari kuramutsa Mandela ubabona bariko baratwenga, Mandela ukuboko kwiwe gufatanye n’ukw’umukuru w’igihugu Zuma.

JPEG - 9 ko

Inyuma y’akanya gato, Mandela yarashatse kuvuga ijambo, ubwo nyene abamenyeshamakuru n’abandi baca batangura kumufata ama foto, ariko umuco w’ivyuma bifata amasanamu waca umusinziriza bigaca vyanka ko atobora ijambo.

Umukuru w’igihugu c’Afrika y’epfo Jacob Zuma yaciye abarira abamenyeshakuru b’ imboneshakure SABC ko Mandela ameze neza ko yakize. Zuma yabandanije avuga ko bayaze, baratwenga, eka baryohewe cane kuba bari kumwe.

Muri iki gihe rero, Mandela aba mu nzu iwe iri i Johannesbourg, akaba akurikiranwa n’abaganga biwe. Mu minsi iheze akaba yamaze iminsi 10 mu bitaro kubera ko yari yarwaye umusonga.

Tubibutse ko Nelson Mandela ariwe yabaye mukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure wa Afrika y’epfo, mu mwaka w’1994.
Ubu Mandela aguma arwara umusonga, aho twobibutsa kandi ko muri Nzero mu mwaka w’2011 yaragiye mu bitaro kubera uwo musonga, muri Kigarama umwaka w’ 2012 naho nyene uwo musonga waramufashe ndetse aca araja mu bitaro. Abamukurikiranira ubuzima bavuga ko iyo ndwara y’ umusonga iva ku ndwara y’igituntu yigeze kurwara igihe yari mw’ibohero yamazemwo imyaka mirongo ibiri n’indwi, azira ivyiyumviro vyiwe vya politike.

Nelson Mandela asanzwe akundwa cane mu gihugu ciwe, abanyagihugu bakaba bamutaziriye « Madiba » amasanamu yaheruka kwerekanwa n’imboneshakure zitandukanye, hari igihe yakira Hillary Clinton muri Myandagaro 2012, aho uwo mupfasoni yari aroye kumuramutsa mu bumanuko bw’igihugu i Qunu


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.