Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Umukuru w’Igihugu arahumuriza abanyamahanga bari muri ico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afrika y’Epfo: Umukuru w’Igihugu arahumuriza abanyamahanga bari muri ico (...)

Afrika y’Epfo: Umukuru w’Igihugu arahumuriza abanyamahanga bari muri ico gihugu

lundi 20 Ndamukiza 2015

Umukuru w’igihugu c’Afrika y’Epfo, Jacob Zuma yavuye mu gacerere yararimwo, arishikira kugarukira ku banyamahanga bagejejwe kure n’ubwicanyi bumaze guhitana abagera kuri batandatu.

Abanyamahanga baba mu gihugu c’Afrika y’Epfo baramaze indwi zishika kuri zitatu barara ntibuca, batinya kwicwa bunyamaswa. Ivyo rero bikaba vyatanguye inyuma yaho, umwami w’abazoulou Goodwill Zwelithini, avuze ko abanyamahanga babwirizwa kwomorwa, atakibanza bafise muri ico gihugu, kuko baza gutwara ubuzi abenegihugu. Ico kikaba cabaye imbarutso y’ubwicanyi bukabije, bituma abanyamahanga bagera ku gihumbi bata izabo barahunga, bamwe baja gusaba indaro mu giporisi, abandi biyugaraniye mu mazu yabo.

Umukuru w’ico gihugu, Jacob Zuma akaba yishikiye ahahungiye bamwe muri abo banyamahanga kugira abaremeshe yongera abasabe gutekana, no gusubira mu mazu yabo ko ubwo bwicanyi bugiye guhagarara. Yaranamenyesheje ko ata majambo yoronka yo gusigura ubwo bwicanyi, ariko arabasaba ko boguma muri ico gihugu kandi bagiye gukingigwa.

Tubibutse ko inyuma y’ubwicanyi bukabijwe hakoreshejwe amahiri, aho bamwe baturigwa, ibihugu bitandukanye nka Malawi na Somalie baciye batangura gutegura inzira zose zo kuja gukingira abanyagihugu babo, babategurira uko basohoka amahoro ico gihugu


Alida S.

Messages

  • Haa!Mana Ubwami Bwawe Ni Buze.Umuntu Asigaye Yicwa Nkuko Umengo Nugufyonda Akanyegeri!Africa Dushaka Iterambere.None, Haruwoterimbere Atagiye Hamwe Nuwundi?Abo Bapfuye Bitahiye Imigambi Yabo Tutayibonye Ngo Tuyishir Hamwe.Imana Ibakire!

  • Patric ndi muri afrika yepfo turiko turaturirwa ICO novuga nuko i vyo bako baragira bovyishurwa bidatevye kuko natwebwe twaciye muntambara zikomeye Mandi dusavye barundi benewacu mudufate mumugongo ICO gikorwa nijewe Patric .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.