Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Umunyamabanga wa mbere w’ubuserukizi bwa Maroc (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umunyamabanga wa mbere w’ubuserukizi bwa Maroc (...)

Afrika y’Epfo : Umunyamabanga wa mbere w’ubuserukizi bwa Maroc yagandaguwe

mercredi 8 Gitugutu 2014

Umunyamabanga wa mbere w’ubuserukizi bw’igihugu ca Maroc muri Afrika y’Epfo yagandaguwe n’abantu bataramenyekana, aho bamusanze mw’ihoteri yari asanzwe abamwo.

Fatmi Noureddine akaba yagandaguwe kuri uyu wa kabiri ku muhingamo aho yari asanzwe yibana, ku murwa mukuru Pretoria. Abo bakorana babonye ko mugenzi wabo adatonze ku kazi kandi ntanavuge ko yafatiriwe, baragize amakenga bamuhamagaye kuri ngendanwa yiwe baca basanga irazimije. Abo bakorana bamaze gushika aho Fatmi Noureddine yaba, bakaba bahasanze amaraso yatemvye.

Abo bakorana n’ubwoba bwinshi,bakavuga ko batagira ayo bacira n’ayo bamira, kuko batumva intandaro y’ubwo bwicanyi. Bamwe bavuga ko yoba yishwe n’abasuma, kuko imwe muri za ngendanwa ziwe yibwe. Muri ico gihugu ca Afrika y’Epfo ubwicanyi ku bantu bukaba bumaze iminsi bwimonogoje, ariko rero bikavugwa ko amatohoza y’igiporisi co muri ico gihugu akomeye, ku buryo abakorana na Fatmi Noureddine bizeye ko ukuri kuzomenyekana ku bishe mugenzi wabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.