Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo : Umwami w’abazulu asaba ko intureka yohagarara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umwami w’abazulu asaba ko intureka yohagarara

Afrika y’Epfo : Umwami w’abazulu asaba ko intureka yohagarara

mardi 21 Ndamukiza 2015

Umwami w’ubwoko bw’abazulu Goodwill Zwelithini mu gihugu ca Afrika y’Epfo,yasavye ko intureka yohoyahoya, inyuma y’ibitero vyari bimaze iminsi bigirwa ku banyamahanga bava mu bindi bihugu vya Africa.

Goodwill Zwelithini yagirijwe kuba ariwe yakokeje iryo totezwa ry’abanyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’Epfo, ryahitanye n’imiburiburi abantu indwi inyuma y’aho avugiye ko abanyamahanga bakwiye gutekara bagasubira mu bihugu vyabo.
Abantu barenga 300 baramaze gufatwa kubera uruhara bashobora kuba baragize muri izo ntureka zatumye bamwe mu banyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’Epfo bicwa abandi bagahunga.

Mu gihe umwami w’abazulu yariko ashikiriza ijambo ku kibuga c’inkino mu gisagara ca Durban, abantu ibihumbi n’ibihumbi bari buzuye ico kibuga bumviriza iryo jambo ry’umwami Goodwill Zwelithini. Mw’ijambo ryiwe,umwami Zwelithini yavuze ko amajambo yiwe yacuritswe n’ibinyamakuru kandi ko kwegeka ibimaze iminsi biba kw’izina ry’umuntu umwe bitagira ifatiro, kuko ngo ibitero nk’ivyo ku banyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’Epfo vyari bimaze kuba no muri kahise. Umwami w’abazulu yamenyesheje kandi ko umugwi w’igihugu ca Africa y’Epfo ujejwe agateka ka zina muntu, ukwiye gutohoza ata ntambamyi ku vyo yagirizwa vy’amajambo y’urwanko yoba yaravuze.

Mu bamaze gufatwa bagirizwa uruhara muri iyo migumuko yahitanye abanyamahanga baba mu gihugu ca Afrika y’Epfo,harimwo abagabo batatu bapfunzwe ku ruhara boba baragize mu kwica umuntu aturuka muri Mozambique Emmanuel Sithole mu gace ka Alexandra kari mu Buraruko bw’igisagara ca Johannesburg.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.