Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’epfo : Winnie Mandela yasohoye igitabo kivuga ivyo yanditse akiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Afrika y’epfo : Winnie Mandela yasohoye igitabo kivuga ivyo yanditse akiri (...)

Afrika y’epfo : Winnie Mandela yasohoye igitabo kivuga ivyo yanditse akiri mw’ibohero

vendredi 9 Myandagaro 2013

Winnie Mandela aheruka gusohora igitabo yanditse akiri mw’ibohero, umupfungwa yari ku nimero 1323/69, akaba yanahamaze iminsi 491, n’ukuvuga umwaka n’amazi ane. Igitabo kivuga ubuzima bw’umwe mu bagore bakundwa kandi bavugwako vyinshi ku bijanye n’intwaro yo kwiyamiriza amacakubiri afatiye ku rukoba.

Nk’uko bisigurwa na Ahmed Kathrada, umwe mu bagendanyi ba Nelson Mandela mu ntango y’igitabo, Winnie Mandela ni umukenyezi yibana wenyene akaba na nyina w’abakobwa babiri, abigeme batigeze babana na se umwanya minini.
Winnie Mandela yubatse urwiwe na Nelson Mandela igihe yari afise nk’imyaka 20 irenga gato, mu mwaka w’1958. Inyuma y’imyaka ine gusa yubatse urwiwe, Nelson Mandela umunega wiwe, yaciye atabwa muri yompi, amara imyaka 27 mu munyororo. Winnie yabandanije urugamba igihe umunega wiwe afungiwe, imbere y’uko nawe apfungwa mu mwaka w’1969.

Muri ico gitabo kivuga ivy’iminsi 491 yamaze apfunzwe, Winnie Mandela avuga amakete yandika, n’ayumunega wiwe, n’ibindi yandika mu dukaye duto yarafise igihe yari mw’ibohero. Bimwe muvyo yandikira umugabo wiwe, bose bari mw’ibohero : «Gufungura nkawe, kuryama mu buryo bumwe nkawe, ivyo bituma nkwiyumvira no kwumva ko ndi kumwe nawe ». Irindi kete naryo Nelson Mandela yandikira abakobwa biwe rivuga riti : « umunsi umwe mama na papa bazogaruka ntimuzosubira kuba nk’impfuvyi zitagira aho ziba ».

Namba ico gitabo ca Winnie Mandela kitavugwa nk’amajambo, uwacanditse we, siko biri. Igihe umunega wiwe yari apfunzwe, Winnie Mandela yabonetse nk’umwe mubazwi barwanije amacakurbiri afatiye ku rukoba, banamutazira “Nyina w’igihugu”. Mugabo ijambo yagiye gushikiriza mu nyuma ryarahinduye gato igicapo benshi bari bamufiseko nk’umuvyeyi w’igihugu, kuko mw’ijamwo ryiwe, yerekanye ibikorwa bigayitse ashigikiye, ashiraho n’icivugo kivuga ”umukoroni, urusasu”. Yaranagirijwe no kuba yicishije umurwanyi wa ANC, mu mwaka w’1989. Mugabo, ivyo ntivyamubujije kuguma ari rurangiranwa, haba muri Afrika y’epfo canke mu mahanga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.