Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Uburengero : Ikiza ca Ebola casubiye kwirara mu bantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Uburengero : Ikiza ca Ebola casubiye kwirara mu bantu

Afrika y’Uburengero : Ikiza ca Ebola casubiye kwirara mu bantu

dimanche 22 Ruheshi 2014

Abanyagihugu bo muri Afrika y’Uburengero baragabishwa ko batosya bwose kuko ikiza ca Ebola casubiye kubinjirana, mu gihe ata minisi irahera abantu batari bake bahasize ubuzima kubera ico kiza.

Nk’uko abaganga bo mu karere k’Afrika y’Uburengero babivuga, ibimenyetso ku bantu bagera kuri 530 bakaba aribo bikekwa kuba bafise uwo mugera ndetse i Conakry ho bikavugwa ko ibice 40 vy’abari baje kwivuza iyo ndwara ya Ebola, aribo bitavye Imana nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe MSF (Médecins sans frontières).

Mwomenya ko ku wa 17 Ruheshi abagera kuri 528 aribo vyaboneka ko barwaye iyo ndwara, ndetse muri abo abagera kuri 337 bakaba aribo bitavye Imana. Gushika ubu abahinga mpuza makungu bakaba bariko barakurikirana uko ico kiza ca Ebola cotuzwa, aho abo bahinga bivugwa ko bariko barakorana cane n’abaganga bakaruhariwe muri ivyo bihugu vy’Afrika y’Uburengero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.