Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika yemerewe n’Ubuyapani imiliyaridi 32 z’amadolare y’abanyamerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika yemerewe n’Ubuyapani imiliyaridi 32 z’amadolare y’abanyamerika

Afrika yemerewe n’Ubuyapani imiliyaridi 32 z’amadolare y’abanyamerika

dimanche 2 Ruheshi 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani Shinzo Abe yamenyesheje ku musi w’ejo kuwa gatandatu mu nama mpuzamakungu igira gatanu kw’iterambere rya Afrika ko igihugu c’Ubuyapani kigiye gutanga imfashanyo y’amafaranga imiliyaridi zitanu z’amadolare mu myaka itanu.

Umukuru wa Leta y’Ubuyapani yabishikirije imbere y’abakuru b’ibihugu vya Afrika bari muri iyo nama bagera kuri mirongo ine harimwo uw’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza.

Yamenyesheje ko muri iyo mfashanyo, amafaranga y’amadolare agera ku miliyaridi 13,7 ariyo azokoreshwa mu bikorwa vy’iterambere rusangi, amenyesha ko igihugu ciwe cipfuza guteza imbere ibisata vy’amasoko ntanganguvu, amagara y’abantu, uburimyi hamwe n’iterambere ry’abanyagihugu muri Afrika.

JPEG - 39.1 ko
Shinzo Abe, umushikiranganji wa mbere y’igihugu c’Ubuyapani

Muri iyo nama yama itegurwa uko imyaka itanu itashe kuva mu mwaka w’1993, umushikiranganji wa mbere shinzo Abe yamenyesheje ko igisata c’uburimyi muri Afrika kidatejwe imbere na Afrika itazotera imbere, ko Afrika ikwiye kwijukira uburimyi nk’umwuga ushobora guteza imbere umurimyi atari kurondera ibifungurwa gusa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.