Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika yepfo : Baciriwe imyaka 25 yo gufungwa bagiriwe n’ugutegura kwica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika yepfo : Baciriwe imyaka 25 yo gufungwa bagiriwe n’ugutegura kwica (...)

Afrika yepfo : Baciriwe imyaka 25 yo gufungwa bagiriwe n’ugutegura kwica Mandela

mercredi 30 Gitugutu 2013

Abazungu batanu nibo baraye baciriwe imyaka 35 yo gufungwa, abandi imyaka 25 kubwo gutegura kwica uwahoze aharanira kurwanya intwaro y’akaryanishamiryango, Nelson Mandela, hamwe no gushaka gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abanyagihugu.

Abo baciriwe urubanza rwo gufungwa imyaka 25 basanzwe bari mu karwi ka Boer bita aba Boeremag. Nabo ni Tom Vorster, umurongozi w’abo ba Boeremag, Herman Van Rooyen, Johan Wilhelm Pretorius na Rudi Gouws. Batatu muribo baciriwe umwe wese imyaka 25 yo gufungwa. Pretorius Kobus, umuhinga mu gukora amabombe we yaciriwe gufungwa imyaka 20.

Abandi 21 bagirizwa kuba barateye amabombe atagira uko agangana i Johannesburg n’i Pretoria mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2002, baciriwe ibihano vyo gufungwa biri hagati y’imyaka 5 na 20.
Ikindi naco bagirizwa, n’ukuba barashatse kwica uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika yepfo, Nelson Mandela mu gutega ibombe mu nzira yagire acemwo. Ariko ico gihe, Imana ikaba yarakinze kuko Nelson Mandela yaciye afata indege uwo munsi. Mu mutego abo bagizi ba nabi bari bateze, umukenyezi wo muri karatiye ya Soweto i Johannesburg, ahasanzwe haba n’abirabure batari bake, yaciye ahasiga ubuzima.

Kubw’amakuru ava muri sentare y’ico gihugu, abari bateguye uwo mugambi ugayitse mu gutega ibombe yica Mandela, bari munsi y’uburongozi bw’uwitwa Mike du Toit w’imyaka 52. Tollie Vreugdenburg, uwagize amatoza kuri abo bagirijwe ati: "Habuze gato cane kugira bice Madiba."
Mw’ijoro rya 29 Gitugutu rishira uwa 30 Gitugutu umwaka 2002, akaba ariho ako karwi k’inkorabara kakora umudugararo udasanzwe, muri karatiye igwiriyemwo cane abirabure, ariyo Soweto mu burengero bwa Johannesburg. Baca baja mu misigiti, ahasanzwe hahagarara imiduga, bahagarika imiduga itwara abantu n’amagari ya moshi, batega n’amabombe.

Mwomenya ko abo baciriwe urubanza rwo gufungwa ari abazungu, mbere muribo hakaba harimwo n’abaganga bakomakomeye. Kuri uyu wa kabiri rero wa 29 Gitugutu 2013 akaba ariho Sentare nkuru y’i Pretoriat y’amaja ruguru, aho nyene Mandela yari yaciriwe uwo guherayo mu mwaka w’1964 hakiri intwaro y’akaryanishamiryango. Abo bagirizwa gutegura kwica Mandela no gutembagaza ubutegetsi baciriwe imyaka 35 yo gufungwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.