Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika yepfo : Umushikiranganji w’ubutunzi wa mbere w’umwirabure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika yepfo : Umushikiranganji w’ubutunzi wa mbere w’umwirabure (...)

Afrika yepfo : Umushikiranganji w’ubutunzi wa mbere w’umwirabure yatowe

lundi 26 Rusama 2014

Bubaye ubwa mbere mu gihugu ca Afrika yepfo hatorwa umushikiranganji w’ubutunzi w’umwirabure, yatowe n’umukuru w’igihugu Jacob zuma, akaba azotwara mu kiringo ca kabiri c’ubutegetsi Jacob Zuma yaraye atanguye.

Uwo yatowe kuzoba umushikiranganji w’ubutunzi muri Afrika yepfo, akaba azwi kw’izina rya Nhlanhla Nene, afise imyaka 55 y’amavuka, yahoze ari umukuru w’inama nyobozi y’ishirahamwe yategura igikombe c’isi yose mu mwaka w’2010. Imbere yaho, kuva mu mwaka w’2009, yahora ari icegera c’umushikiranganji w’ubutunzi w’umuzungu yitwa Pravin Gordhan.

JPEG - 23.1 ko
Nene Nhlanhla

Nene Nhlanhla yahoze ari mu baharaniye intwaro rusangi mu mwaka w’1994, umwaka hahagarikwa intwaro ifatiye ku rukoba, abirabure nabo bo muri Afrika yepfo bakaronka ubwa mbere uburenganzira bwo kuja mu matora nk’abandi. Mukibuka ko ico gihe ariho umuhisi Nelson Mandela yatahukanye intsinzi.
Kuva mu mwaka w’1994, abirabure bo muri Afrika y’epfo baciye bahagurukira ubutunzi bw’igihugu mu gushinga umugambi ubateza imbere mu gisata c’ubutunzi, mu gihe kuva ku ntwaro ya karyanishamirwango, ubutunzi bwari bufisweko ububasha gusa n’abazungu baba muri Afrika yepfo.

Naho abirabure bo muri Afrika yepfo bahagurukiye nabo nyene igisata c’ubutunzi, abenshi mu barongoye ibisata vy’ubutunzi gushika ubu, baracari abazungu bagizwe ahanini n’abagabo. Mu matohoza yakozwe mu mwaka w’2011 vyagaragaye ko ibice 67 kw’ijana ari abari mu gisata co gucukura ubutunzi, ibice 66 kw’ijana mu mahinguriro, ibice 75 kw’ijana mu gisata c’uburimyi.
Igenwa rya Nhlanhla Nene rikavurwa ko ryoba rije nko kumugeza inyuma y’amezi make ifaranga ry’agaciro ryo muri Afrika yepfo risa niryasubiriye inyuma. Muri uno mwaka w’2014 rikaba ryasubiye inyuma ibice 2,1 kw’ijana.


Mariella Bukuru

Messages

  • Nibazako atari iryambere Finance ya SA itwarwa n’umwirabure, kuko kuva na 2005 hatwara( umwirabure Trevor Manuel w’Umudimudimu "coloured"). Uwahahora nawe Pravin Gordhan yari Indian, ariko abo bose baharugwa mubirabure.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.