IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Agafashanyo bishuza gashobora kuboneka ku munsi wa gatandatu

Agafashanyo bishuza gashobora kuboneka ku munsi wa gatandatu

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Agafashanyo kari katumye abanyeshure bo mu mwaka wa mbere muri kaminuza y’Uburundi baja muri yegereyegere gashobora kuboneka ku munsi w’ejo k’uwa gatandatu. Ako gafashanyo kakaba kari katebejwe n’intonde zoba zashitse zitevye mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Abanyeshure bo mu mwaka wa mbere muri kaminuza y’Uburundi baratanguye yegereyegere guhera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 3 Ruhuhuma umwaka w’2014. Imvo nyamukuru yatumye haba iyo yegereyegere n’uko batevywa kuronswa agafashanyo kabo. Ariko rero abategetsi bibaza ko ibintu bigiye gusubira mu buryo abanyeshure bagasubira mu mashure kuko ako gafashanyo kabo kazoba kabonetse ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2014.

Mu kiganiro ku vyerekeye iyo yegereyere yabo banyeshure , umuyobozi wa Régie yamenyesheje ko haheze iminsi ine abanyeshure bahagaritse ivyigwa . Ingorane nyamukuru ikaba yavuye ku bushikiranganji bw’ikigega ca Reta . Mu buyobozi bwa Regie barungitse intonde zibiri, iya mbere yari yo abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri n’uwa gatatu ,urutonde narwo rwa gatatu rwarungitswe ubwanyuma rukaba rwari urwa banyeshure bo mwaka wa mbere, abo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta ,izo ntonde rero bakaba bazikoresheje ugutandukanye n’abo bo muwa mbere ni naco gituma ako gafashanyo kashitse ku ma konti yabo mu mice ibiri.

Abo rero bataronse agafashanyo akaba ari abiga bataha basanzwe babayeho mu buzima bugoye kuko badafise abavyeyi canke imiryango mu gisagara ca Bujumbura. Iyo rero ako gafashanyo batakaronse ku gihe banyene amazu baca batangura kubidogera.

Ni naco gituma abanyeshure akenshi baca baza barakora amayegereyegere mu ntumbero yo kwishuza ako gafashanyo kabo . Izo yegereyere ziguma ziba kubera ko intonde zishikanwa zitevye mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.