IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure bo muri kaminuza koba kagiye (...)

Agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure bo muri kaminuza koba kagiye guhagarikwa

lundi 30 Kigarama 2013

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basabwa kumenyera kubaho badafise ka gafashanyo kabo kamwe bita’’ bourse’’ kuko no mu bindi bihugu ari hake bakikaronka, bivugwa na Melchior Simbaruhije umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko agafashanyo kahora gatangwa ku banyeshure biga muri kaminuza bashobora kutazobandanya bakaronswa kuko igihugu c’u Burundi nico conyene kigitanga ako gafashanyo kandi amikoro atari menshi, ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye insamirizi itagira imbibe RSF Bonesha FM.

Ku bwa Melchior Simbaruhije avugira ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko, ari ahantu hake ako gafashanyo kagitangwa. Ku bwiwe rero mu gihe igihugu c’u Burundi cugarijwe n’ubukene bashobora nabo nyene guhagarika ako gafashanyo. Abandanya avuga ko nk’uko kitwa agafashanyo, si ingombwa ngo kaboneke ku bwiwe gashobora kuboneka canke ntikaboneke. Arangiza rero asaba ko boba baritegura kumenyera kubaho batagafise.

Ivvyo rero abishikirije mu gihe muri kaminuza Y’u Burundi haheze imyaka na mirere, hama hari amayegereyegere y’urutavanako avuye kuri ako gafashanyo nyene. Ndetse muri iyi ndwi twaraye turangije, abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri barugarije ibiro vy’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi basaba agafashanyo kabo, bavuga ko batahawe k’ukwezi kwa Ruheshi.

Tukaba twobamenyesha ko abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi biyamiriza iyo ngingo. Ku bwa Ernest Nzambimana arongoye ishirahamwe FER rihurikiyemwo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi, avuga ko kaminuza y’u Burundi, izoca iba iy’abana bifise, mu gihe muri iki gihe yahoramwo bose, abava mu miryango yifise n’abandi bava mu miryango ibayabaye. Basaba ahubwo Reta, kuduza ako gashaha kugira ubuzima bw’abanyeshure bushobore kwisununura.


Floxella Karire

Messages

  • Ego guhagarika agafashanyo birumvikana ariko none ayo mahera bahora bahabwa UNICEF yahagaritse kuyatanga? Ikindi naco Umuvugizi avuga ko uBurundi bukenye ariko ababurongoye, non, benshi bari hejuru mu Burongozi bafise Amazu n’Amazu adafise igitigiri, none ivyo vyo uwo Muvugizi abisigura gute ko uBurundi bukenye, ego nivyo ariko bamwe bapfa abandi batwenga!

  • Leta yirabe kuko amahera bahora bahabwa sintahura neza iyo azocaja!!!ahubwo nimba UNICEF ariyo yahagaritse gutanga ako gafashanyo nibivuge!!!igihugu kigeze habi Imana nitabare Uburundi

  • isi niko imize abato bazokwama bacinyizwa uburundi ntibutenye hakenye ubwenge no gukunda igihugu bagakuye na exetat ntaco yoba ikimaze kuwayitoye nuwutayitoye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.