Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agahuzu gapfuka amabere kagapima urukundo kabonetse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Agahuzu gapfuka amabere kagapima urukundo kabonetse

Agahuzu gapfuka amabere kagapima urukundo kabonetse

mardi 28 Nzero 2014

Iterambere ry’isi rigeze ku buhinga buhanitse, mu gihugu c’Ubuyapani baherutse gukora agahuzu gapfuka amabere gahanitse, kuko karamenya urugero rw’urukundo umuhungu afitiye umukobwa.

Incabwenge zo mu gihugu c’Ubuyapani zaragerageje kuva mu mwaka w’2000 gukora ikintu cerekana ko umugabo ataragira imibonano mpuzabitsina ariko ntivyakunda. Ariko kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2014 bashize ahabona agahuzu gapfuka amabere «soutien-gorge» gapima urugero rw’urukundo bise «True Love Tester» . Abo bahinga karuhariwe bararavye basanga abahungu canke abagabo bakunda gukorakora ku mabere y’abakobwa canke y’abagore. Abo bahinga baca biyumvira ikintu cofasha abakobwa canke abagore kumenya ko uwo ashaka gukora kw’ibere ryiwe n’imiburiburi ko yoba amukunda. Niko gukora agahuzu gapfuka amabere «soutien-gorge» gapima urugero rw’urukundo. Ako gahuzu, gakorana n’umutima, iyo umuhungu ariko arondera y’amabere y’umukobwa uwo nawe akaba atamwiyumvamwo, n’aho uwo muhungu yogira gute ntikavana n’ibere (ntikuguruka). Ariko rero iyo umukobwa yiyumvamwo uwo muhungu karaheza kakiyugurura ubwako.

Ntawuzi rero uko abahungu bagiye kwakira ubwo buhinga bushasha, eka n’abigeme ntawuzi ko bazokagura ari benshi, mbega abubatse bobo koba kazobafasha?


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.