Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agasaga mu nkino za CECAFA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Agasaga mu nkino za CECAFA

Agasaga mu nkino za CECAFA

mardi 10 Kigarama 2013

Umurwi nserukira gihugu w’Uburundi mu nkino z’umupira w’amaguru, waraye utanye mu mitwe ubugira kabiri, n’umurwi w’igihugu ca Zambiya muri za nkino za CECAFA ziriko zibera muri Kenya.

Kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 08 Kigarama, igihe c’isaha indwi z’umuhingamo mu masaha y’i Burundi (13h 00), urukino ruhuza Intamba mu Rugamba ziserukira Uburundi n’umurwi Chipolopolo userukira igihugu ca Zambiya rwarabaye. Urwo rukino rwari urwo kurondera umurwi uzobandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Ngabo rero abakinyi barinjiye mu kibuga. Uwo munsi ikibuga nticanyerera. Zambiya ikibwira kwije kwandura ibitsindo nk’uko yabironse mu rukino rwa mbere. Iminota cumi n’itanu ya mbere amakari yari menshi ku murwi wa Zambiya, ariko Intamba zari zaje zikenyeye ziraguma. Nyabuna ku munota wa 25, umukinyi Fiston Abdoulazak bamugirira ikosa rihanishwa bimwe bita”coup franc”. Christophe ari we Lucio, arihanukira arawutera ariko Toaster aba yawubonye. Urukino rurabandanya n’ishaka ryo gutsinda ku mirwi yose, n’amakosa menshi k’umukuru w’umurwi wa Zambiya kuri Fiston. Ifirimbi irangiza igice ca mbere iraheza ivuzwa ari ubusa bukabwe ubundi.

Icabonetse muri ico gice, Intamba zarerekanye ihinduka ridasanzwe, ziritandukanya cane n’ivyabaye umunsi bahura na “Taifas Star” bo muri Tanzaniya. Ivyo rero vyateye ubwoba umumenyereza wa Chipolopolo kuko yatanguye kuza asubiriza abakinyi.

Igice ca Kabiri, bose baje bazambariye k’umutwe, Intamba ziti natwe dukeneye kubandanya, chipolopolo bati muranguha. Mu gihe Felix Katongo agize kosa bakamuhanisha ”coup franc”, ikanka kwinjira ku munota wa 77, N’goga yakira umupira, arirukira atera kwa Arthur Arakaza, uwo nawe ati nakubonye kera, arawusama atangorane. Bica biguma ari zuguruzuguru hagati y’iyo mirwi, nguwo umuhagarikizi aravugije iminota 90 gushirako itatu 3 bongeye, umwanya wo kubatatura uba urageze.

Abariko barorera uwo mupira ku mboneshakure bashigikiye abakinyi b’Uburundi, zitangura gusha mu nda, bamwe bakizera intsinzi kubera Arthur bamwemera mu gusama, abandi bati ego arasama ariko abatera bimwe bita”tirs au but”barashobora guhusha. Emwe ntivyatevye, ” tirs au but” 4 za Chipolopolo kuri 3 z’Intamba. Intsinzi itaha muri Zambiya, abarundi baja gutekera imizigo yabo.

Naho rero batashoboye gutsinda urwo rukino, ababibonye bavuga ko harimwo akarusho. Ko hamwe utunenge twagiye twibonekeza twokosorwa, kugira bitabe amahiganwa ya CHAN ya muri Nzero 2014 bafise isaho ry’ubuhiga rikwiye.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.