Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe ka UEFA 2012-2013 kahawe Franck Ribéry - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Agashimwe ka UEFA 2012-2013 kahawe Franck Ribéry

Agashimwe ka UEFA 2012-2013 kahawe Franck Ribéry

vendredi 30 Myandagaro 2013

Franck Ribéry niwe yaraye ahawe agashimwe ka UEFA k’umukinyi w’umupira w’amaguru yikinye neza mu mwaka 2012 ushira 2013 ku mugabane wa Buraya. Agishimwe akaba yakaronse mw’ijoro ry’uyu wa kane. Ribéry akaba yaje imbere mu manota, atsinda babiri bahiganirwa ako gashimwe.

JPEG - 8.2 ko
Franck Ribéry

Umukinyi w’umupira w’amaguru akina muri Bayern Munich, Franck Ribéry, niwe yaraye ahawe agashimwe ka UEFA gahabwa umukinyi yakinye neza mu nkino z’umwaka 2012 ushira 2013 ku mugabane wa Buraya. Uwo musatirizi w’imyaka 30, akaba yaje imbere mu majwi, imbere ya Lionel Messi na Cristiano Ronaldo bagahiganirwa. Ako gashimwe akaba yagahawe mw’ijoro ry’uyu wa kane mu gisagara ca Monaco mu gihugu c’Ubufaransa.

Muri uyu mwaka w’2012 ushira 2013, Franck Libéry akaba yakinye inkono 74 mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa, yinjiza ibitsindo 12. Muri ico kiringo nyene, Franck Ribéry , kumwe n’umurwi wiwe wa Bayern Munich, yatwaye igikombe ca Champions Ligue hamwe n’ico ihiganwa ryo mu Budagi.

JPEG - 24.4 ko
Franck Ribéry

« N’ibintu bidasanzwe kuri jewe kuri uyu mugoroba », Ribéry akaba ariko yagize ahejeje kuronka ako gashimwe. Yongeyeko ati : « Kama ari agahimbare kuronka agashimwe. Ndashimiye abarongoye Bayern, abodukinana, abakunzi buwo murwi. Ndakengurukira umuryango wanje, abana banje n’umutambukanyi wanje».

Franck Ribéry akaba abaye umukinyi wa 3 aronse ako gashimwe ka UEFA. Akambere kakaba kari kahawe umukinyi Lionel Messi mu 2011. Agashimwe ka kabiri nako kakaba kahawe umukinyi Iniesta mu 2012.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.