Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe Nobel k’amahoro kahawe OPCW - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Agashimwe Nobel k’amahoro kahawe OPCW

Agashimwe Nobel k’amahoro kahawe OPCW

vendredi 11 Gitugutu 2013

Agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel k’uno mwaka kahawe ishirahamwe rigwanya igwirirana ry’ibirwanisho vy’ubumara, OPCW, riri mu gikorwa co kubisambura muri Syria.

Aho yatangaza uwatsindiye ako gashimwe ku murwa mukuru wa Norvege, Oslo, umukuru w’umurwi ujejwe udushimwe twa Nobel, Thorbjon Jabland, yakeje OPCW kubera ibikorwa vyayo ntangere vyo kurandurana n’imizi ibirwanisho vy’ubumara.
Umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, Ahmet Uzumcu, nawe yavuze ko igitero c’ibirwanisho vy’ubumara giheruka muri Syria, ari icibutso c’uko impinga ikiri ndende.

Yavuze ko ishirahamwe arongoye ririko rirakora ibishoboka vyose ngo ibintu nk’ivyo ntibize bisubire, anavuga ko yizera ko akazi kabo kazoterera mu kugarukana amahoro muri Syria muri rusange.

Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon nawe yarangije asaba ko ku munsi wa mbere hatorengana hatabonetse umurwi w’abantu 100 boba bari i Chypre, abo bagafasha mu mugambi wo gusambura ibirwanisho ruhonyanganda biri mu gihugu ca Syria.

Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba ndetse yarungikiye urwandiko umurwi wa ONU witaho amahoro n’umutekano, mu ntumbero y’ukubasaba ko hojaho umurwi uhurikiyemwo bose, uwo nawo ugatuza ikorwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.