Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agatangaza k’urukino kuva inkino z’igikombe c’isi zibaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Agatangaza k’urukino kuva inkino z’igikombe c’isi zibaho

Agatangaza k’urukino kuva inkino z’igikombe c’isi zibaho

mercredi 9 Mukakaro 2014

Abakinyi nserukira gihugu n’abakunzi b’igihugu ca Bresil baraye bahuye n’ivyago batewe n’ibitsindo umurengera batsinzwe n’igihugu c’Ubugagi. Ivyo bitsindo vyimboneka rimwe mu gikombe c’isi vyabonetse mu gice ca kane gishira icanyuma c’inkino.

JPEG - 42.6 ko
Klose ahejeje kwinjiza igitsindo ca 16

Hirya no hino ku mpande z’isi havugwa cane cane urukino rwahuje igihugu ca Bresil cakiriye inkino z’igikombe c’isi umwaka w’i 2014 n’Ubudagi. Imbere y’uko urukino rutangura, igihugu ca Bresil cahabwa amahigwe make kubera Neymar na Thiago Silva batakina. Naho biri uko, ntawariyiteze ko ibitsindo 7 bishobora kwinjirana Julio Cesar na bagenzi we bo muri Bresil.

JPEG - 51.2 ko
Amarira menshi ku bakinyi ba Bresil

Imbere y’uko igice ca mbere gihera Ubudagi bwari bumaze kwinjiza ibitsindo 5 ku busa bwa Bresil. Inyuma y’igice ca kabiri, hinjiye ibitsindo bibiri bikwiza indwi kuri kimwe c’umukinyi Oscar. Abakinyi b’Ubudagi batsinda atangorane n’imwe bagize, abakinyi bo hagati n’inyuma mu kibuga ba Bresil ntaco bafshije kugira bazibire iyo mvura y’ibitsindo.

Abakinyi b’Abadagi binjije ivyo ni aba bakwirikira Toni Kloos yinjije 2, Miroslav Klose, Thomas Muller, Andre Schurrle (2), Samira Khedira.

Igihugu ca Bresil n’amarira menshi yabakunzi b’umurwi nserukira gihugu n’abakunzi b’igihugu, caciye gisezera amahiganwa ku kibuga cabo Estadio Mineirao kiri i Belo
Horizonto.

JPEG - 33.2 ko
Abakinyi ba Bresil biteze intsinzi Neymar atarimwo
JPEG - 99.8 ko
Umunezero w’Abadagi

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.