Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abandi barondera kwongereza ibiringo vyo gutwara nawe agasaba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abandi barondera kwongereza ibiringo vyo gutwara nawe agasaba (...)

Abandi barondera kwongereza ibiringo vyo gutwara nawe agasaba kubigabanirizwa

mercredi 18 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Sénégal, Macky Sall yahaye uburenganzira abanyagihugu bwo kumugabaniriza ikiringo co gutwara kikava ku myaka 7 kikaja ku myaka itanu.

JPEG - 28.6 ko
Macky Sall umukuru w’igihugu ca Senegal

Aho mu bindi bihugu barondera guhindura ibwirizwa nshingiro mu ntumbero yo kwongereza ibiringo vyo gutwara, umukuru w’igihugu ca Sénégal wewe yahaye uburenganzira abanyagihugu bwo gutora namba ikiringo co gutwara cova ku myaka ndwi kikagabanuka kikaja ku myaka itanu. Mu gihe rero iyo nteguro y’itegeko yoramuka yemejwe, amatora azoca ahinduka abe mu mwaka w’2017, hako aba muri Ruhuhuma mu mwaka w’2019.

Mu mwaka w’2012 hari abari barigeze gucishamwo ako kantu, ubu rero bakaba bashimye gutwara iryo tegeko mu banyagihugu kugira baryemeze canke barihakane. Umukuru w’igihugu Macky Sall agira ati : "Birakwiye ko dutahura ibintu. Muri Afrika naho nyene turashobora gutanga icigwa, bakongera bakamenya kandi ko ubutegetsi atariryo herezo rya vyose."

Umukuru w’igihugu ca Sénégal aratandukanye cane na bagenzi we bo mu bihugu vya Afrika bafata bagakoresha ubutegetsi bwabo, bakongera bagatwara ikiringo kinini gose imyaka irenga icumi, batanabirekuriwe n’amategeko. Uwo mukuru w’igihugu akaba atandukanye na mugenzi we yasubiriye Abdoulaye Wade, nawe yari yashatse kwiyongera ikiringo ca gatatu, yirengagiza amategeko y’igihugu yamurekurira ibiringo bibiri gusa.

Bamwe mu banya Sénégal bavyakiriye neza, abandi bibaza ko woba ari umukino wa poritike, abandi nabo bibaza ko yoba ashaka kwihesha isura nziza mu makungu hamwe no muri Sénégal. Ivyo rero Macky Sall akaba yabishikirije igihe yariko abonana n’ishirahamwe APES ry’abamenyeshamakuru b’abanyamahanga bakorera aho muri Sénégal.


Floxella Karire

Messages

  • Voilàun vrai africain qui aime son continent, un vrai patriote.
    Nta muntu w’umutima yoreka gushimira umukuru w’igihugu nk’uyo, nabere akarorero abandi ba prezida bo muri africa!!!

  • Nivyiza yarakwiye guhanura nabagenziwe cane cane Peter Nkurunziza amenye ko ubutetsi atari kubugwako.

  • Erega arabona kure arabona iteka umukuru w’igihugu iyo agiye neza aronka raba abdou diof ingene yagiye urazi amashurwe yatewe igihe yaratanze muri francophonie, raba buyoya pierre ntubona ko ariko yirira utwiwe atamutima usimba nayo ivyo bipfamatwi batumva nama mvuga bazokwiruka kumwe akayabu kiruka atawukirukanye.

  • uwo ni uwambere sindakubeshe.

  • Eregs umintu yiyumvira nkuko nuko aba akorera igihugu adakorera inda yiwe.mu Burundi ngira ntawutabona ko abatware ari kwiyibira gusa ,naho twese abanysgihugu twohona bobo basigaye ntskibazo.uravye ukuntu baturekutira ko imbonerakure zikadukubita,zigaca amande abatware naba police,ubucamanza birabira hirya.ukuntu abantu bariko baranyagwa amatongo bayitirira ngo naya leta nyuma bagaca bayagabura.ukuntu police yigenza.kugire ubahe amahera atinjira mukigega c igihugu.abarundi murakwiye gufatira akarorero kuri uyo nyakubahwa wo muri Senegal mukiyambika agashambara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.