Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaciriwe urubanza yagirizwa gushurashuza impene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yaciriwe urubanza yagirizwa gushurashuza impene

Yaciriwe urubanza yagirizwa gushurashuza impene

mercredi 4 Kigarama 2013

Ubutungane bwo gihugu ca Kenya buhejeje gukatira umunyororo w’imyaka 10, umugabo yagirizwa gushurashuza impene yiwe.

Nk’uko imboneshakure yo muri ico gihugu ibitangaza, umugabo yitwa Katana Kitsao ava mu gihugu ca Kenya ahejeje gukatirwa umunyororo w’imyaka 10, yagirizwa akaja ko gushurashuza impene yiwe. Icari gitangaje muri urwo rubanza, n’uko n’iyo mpene bari bayizanye nkaho womenga ije kumwagiriza.

Iyo mboneshakure iremanga ko Katana Kitsao yemeye imbere y’ubucamanza ko yashurashuje iyo mpene, ivyo vyabaje cane abari baje kwumviriza urwo rubanza, eka n’abacamanza. Uwo mugabo yamenye ibanga, yasavye imbabazi ubutungane, yigovyora avuga ko yabigira kubera umugore wiwe bari kugirana amabanga mpuzabitsina agendana ubumuga.

Ubutungane bwari burongowe na Mathiu Nzibe, ivyo ntibwavyakiriye nk’insiguro zihagije, zotuma adahabwa igihano kimukwiye. Hari haje n’uwumwagiriza ko yamwifatiye imbona nkubone ariko ashurashuza iyo mpene, ahantu hiherereye.

N’uko rero guca acirirwa umunyororo w’imyaka 10, yagirizwa kuba yabiriye impene kandi ari ikizira. Imboneshakure yo muri ico gihugu yemeza ko n’iyo mpene yari yahishikiye naho itamwagirije.

Ivyabaye kuri Katana si ivy’imbeshere kuko n’abaganga bajejwe amagara y’ibitungwa baremeza ko iyo mpene yakorewe ayo mabi. Nk’uko tubandanya tubimeshwa, ribaye irya mbere ubutungane bwo muri Kenya buca imanza nk’izo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.