Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro k’amaterefone ngendanwa mu mibano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’amaterefone ngendanwa mu mibano

Akamaro k’amaterefone ngendanwa mu mibano

dimanche 27 Gitugutu 2013

Imbere y’uko amaterefone ngendanwa aza, itumatumanako amakuru ntiryari ryoroshe haba mu Burundi, canke mu bindi bihugu. Cari igikorwa gisaba umwanya muremure kuko ahatari hake mu kurungika ubutumwa, barinda guca ku bantu benshi kugira ubutumwa bushike.

Mu Burundi, bimwe mu buryo bwakoreshwa mu kurungika ubutuma, hari uburyo bakoresha bwo kwandika n’iminwe bakarungika amakete, ayo nayo akazomara igihe atarashikira uwo bayarungikiye. Abitwa ko bifise aho hambere, barungika incoreke akaba arizo zibutwara. Kuva aho amaterefone ngendanwa aziye, itumatumanako amakuru ryaciye ryoroha, abantu baca batangura kuronka ubutumwa vyoroshe. Kubatari bake twabajije, bavuga ko bashima iterambere muri rusangi, kuko ryabaziye ibitari bike harimwo n’amaterefone ngendanwa. Amaterefone agira akamaro haba ku bifise canke kubafise ubuzima busanzwe, kuko bose abafasha mu kurungika ubutumwa.

Butoyi, ni umusore aba mu gisagara ca Bujumbura, asanzwe akoresha telefone ngendanwa agira ati : "Terefone ngendanwa n’iterambere ridasanzwe. Rishobora kuba igikoresho gituma umuntu ashikira aho hose atari, kugera n’amaguru. Ati nk’akarorero, kuva aho ndonkeye ngendanwa, aho hose vyansaba ko ndinda gufata imodoka canke ubundi buryo bwo kwiyunguruza, mu gutanga ubutumwa, siko bikiri. Amahera yo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura asigaye ari kuri 350, ndayaguramwo ama inite nkashobora kurungika ubutumwa, n’abari mu makungu nkashobora kubandikira, canke nkabahamagara.

Ikindi naco, ku miyabaga yo mu gisagara, bituma imenya amakuru ningonga itarinze guta umwanya wo kuja kubaza amakuru hirya no hino. Biyituma mbere ishobora no kurondera amakuru yo hakurya y’amazi itarinze mbere no gukoresha inyabwonko itwara uburyo bwinshi. Umwe mubakozi bo munzu nawe, avuga ko iterefone ngendanwa ari igikoresho ciza. Niyo hageze ko ababakoresha babakenera batari hafi yabo, iterefone ngendanwa ibabera igikoresho kinyaruka mu kwakira ubutumwa. Ku bafise abavyeyi baba hagati mu gihugu, ubu ntibikiri ingorane, kuko aho hose babakenereye, babaronka batarinze gusubira kubasanga mu mihana yabo. Ati mugabo, hari igihe itubera intambamyi mu kazi kacu, kuko hari igihe usanga abagenzi baguma batwakura turi mu kazi, bigaca biducanishamwo n’abakoresha bacu. N’ubwo biri uko, ingorane ntiba ivuye kurayo materefone ngendanwa, biba bivuye kubazikoresha mu mwanya utariwo.

Muri rusangi, amaterefone ngendanwa ni ngirakamaro kuri bose, haba kubari hagati mu gihugu canke mu bisagara. Ni igikoresho gishobora kwubaka kikongera kigasambura bivanye n’ingene gikoreshejwe. Abayakoresha boraba uburyo bayakoresha kugira zibandanye ziba ngirakamaro igihe cose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.