Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro k’amavuta umuntu yisiga mw’ijoro agira aryame - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’amavuta umuntu yisiga mw’ijoro agira aryame

Akamaro k’amavuta umuntu yisiga mw’ijoro agira aryame

mercredi 26 Ruheshi 2013

Gukora umubiri ni nkenerwa, ariko rero kuko ivyo ukenera atari bimwe mu gatondo no mw’ijoro, harakenewe ko umuntu akorera umubiri wiwe utuntu tumwe tumwe. Amavuta yo mu gatondo, amavuta yo mw’ijoro : mbega ni irihe tandukaniro riri hagati yo kwisiga amavuta ku murango canke mw’ijoro?
Mbega amavuta umuntu yisiga ku murango canke mw’ijoro yoba afise akamaro akahe?

Mu gihe hari abantu bavuga ko umuntu aba akwiye kwoga imbere yo kuryama agakurako ubucafu bwose, abandi bo bavuga ko amavuta umuntu yisiga mw’ijoro yoba afise akamaro kanini kurusha ayo umuntu yisiga ku murango. Ni mwirabire itandukaniro rihari

Ku murango, urukoba ruhura n’ibintu vyinshi nk’imbeho, izuba canke ivumbi. Amavuta yo ku murango atuma umubiri ubomba. Mu bisanzwe, amavuta yo ku murango afise ubutunzi bwinshi mu bintu bikingira umubiri bitandukanye ku bijanye n’umubiri umwe umwe umubiri wumye, umubiri ufise ibinure vyinshi, umubiri ukuze canke naho nyene urukoba rukiri ruto. Ayo mavuta aratuma abuza ko urukoba rugangatara, nta nokwibagira ko afasha mugufata twa dufu abigeme bisiga mu maso ntidufata mu maso.

Amavuta umuntu yisiga mu maso arinjira mu maso kandi ugasanga nta binure, urashobora gusanga urukoba ruca rufatana. Imbere yo kwisiga, nimurabe ko umubiri wanyu usa neza utagira ubucafu.

Amavuta umuntu yisiga mw’ijoro atuma urukoba rwiyubura igihe umuntu aba asinziriye. Kuri ubwo rero, ayo mavuta aca agaburira urukoba akongera kandi akarubombeka. Bitandukanye n’amavuta yo ku mubiri arya umuntu yisiga ku murango, yoyo ngo arafise akamaro kanini. Haba harimwo amazi, ibituma umuntu agira ibinure kuko ngo harya mw’ijoro niho urukoba rwacu usanga rwumva cane ivyo tuba twisize.
Ariko rero naho biri uko, arya mavuta twisiga mw’ijoro ntaba afise ibintu bikingira urukoba, ivyo bita anti-UV

Hari rero imice itatu y’amavuta umuntu yokwisiga mw’ijoro ahurirana kandi n’imice itatu y’urukoba nyene.

Amavuta asanasana uruhu (réparatrice), ayo rero usanga akundwa cane n’abantu bafise urukoba rugumye kuko arabombeka umubiri.

Amavuta twokwita ko asubira kwubaka umubiri (réconstructive), akoreshwa n’imibiri isanzwe cane cane ata ngorane ifise mbere usanga yisigwa n’abagore n’abagabo. Atuma udutsi tw’umubiri tumwe bita cellule twiyubura, tugakomera.

Amavuta arwanya iminkanyari nayo ni amwe aba agenewe abantu bakuze. Ayo mavuta atuma akuraho iyo iminkanyari. Ayo mavuta umuntu yisiga mw’ijoro arasanasana umubiri.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.