Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akamaro k’intambo mu mibereho ya minsi yose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro k’intambo mu mibereho ya minsi yose

Akamaro k’intambo mu mibereho ya minsi yose

mardi 29 Ndamukiza 2014

Intambo zimwe mu bituma umuntu agira akanyamuneza, akamwemwe, anonoka imitsi, bikanaruhura umutwe mu gihe yarushe mbere n’ivyiyumviro bikagabanuka.

Kw’isi yose, intambo n’umwimenyerezo ukunda gukorwa cane ugakundwa na benshi na cane cane urwaruka rugifise amaraso ashushe. Intambo ni ikimenyetso gishobora kwerekana ikigumbagumba c’umuntu canke imibereho yiwe. Abahinga mu vy’inyifato (Psychologues) bavuga ko intambo zigabanya imyitwarariko umuntu agira (stress) zikagira n’ubushobozi bwo kugabanya ivyiyumviro, biba biremereye umuntu mu gihe yarushe mu mutwe.

Abahinga mu vy’ubuvuzi (specialistes) nabo bakavuga ko gutamba bitera umunezero, uwo nawo akaba ari umuti ku magufa y’umubiri atuma amagara y’umutu atosekara. Igenekerezo rya 29 Ndamukiza uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe intambo. Uwo munsi ukaba washinzwe mu mwaka w’i 1982 n’umurwi mpuzamakungu ujejwe ivy’intambo, CDI (Comité de Danse International) wifadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO, mu ntumbero yo guhimbaza isabukuru y’amavuka y’uwitwa Jean-Georges Noverre yari yatanguje intambo ya kijambere, ariyo ballet moderne (1727-1810).

Nk’uko bivurwa n’abatanguje umunsi mpuzamakungu wahariwe intambo, intumbero y’uwo munsi akaba ari ugushira abantu hamwe biciye mu ntambo mu kwigina intambo kw’isi yose, maze abantu bakarengera ibibacanishamwo, mu kuja inama imwe n’ingingo mu vyiyumviro bitandukanye. Ku bwabo, n’umunsi udasanzwe wo kunezererwamwo nk’uko bikorwa ku munsi wahariwe umuziki. Mu burundi, kuva na kera na rindi, intambo zamye ziri mu mico y’ikirundi aho zakoreshwa mu manza atandukanye canke mu kwerekana akaranga k’igihugu.

Ingoma ikaba arimwe mu mico ndangakaranga z’Uburundi zakoreshwa cane mu ntambo kuva na kera mu kugaragaza umunezero umuntu afise, canke mu kwerekana ko ikintu kigira kihabe. Mu Burundi, intambo ndangakaranga ziri muvyerekana imico n’imigenzo y’igihugu. Intambo yose ikaba ifise ico isigura, imirwi n’intara zayihariye. Urwedengwe, ihunja n’umutsibo ku bagore, umuyebe, intore n’agasimbo naho ku bagabo.

Mwomenya ko gushika ubu, intambo ziri mu bituma akaranga k’igihugu kamenyekana n’imico vyaho bimenyekana.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.